IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa kuba badandaje uruyoya rw’ukwezi n’igice bafashwe

Abagirizwa kuba badandaje uruyoya rw’ukwezi n’igice bafashwe

lundi 2 Kigarama 2013

Hari abakenyezi babiri bo mu gisagara ca Bujumbura bari mu minwe y’inyamiramabi, bagirizwa kuba boba baherutse kudandaza umwana w’ukwezi n’igice k’uwundi mukenyezi yoba atavyara.

Abo bakenyezi bafashwe n’igiporisi bagirizwa ivyo, bararahira ko uyo mwana batamugurishije amafaranga, ko ahubwo bamutanze ku bushake bwabo kuko bari mu bihe batoshobora kurera urwo ruyoya. Hakaba hari hamaze iminsi havurwa abadandaza abana b’abigeme bakiri bato bajanwa mu bihugu vyo hanze, abo nabo bakaja gukoreshwa ibikorwa bigayitse, harimwo gukorerwa ubushurashuzi, gutwarwa bimwe mu bimba vy’umubiri n’ibindi. Ivyo kudandaza inzoya, bikaba bitari bizwi ko bikorwa mu Burundi.

Iyo umwana wamuvyaye adashoboye kumurera, ukipfuza ko hari uwomukurerera, birafise inzira bicamwo zizwi n’amategeko, atari inzira zo mu kinywabi, kuko umwana amaze kuvuka ataba akiri uwumwe. Izo nzira rero abantu atari bake bakaba batazizi, ari naco gituma usanga benshi bata abana mu mabarabara, abandi bagahitamwo kwikora mu nda canke kubandandaza amafaranga, nk’uko bivurwa na bamwe mu bagiye barabazwa n’ikinyamakuru IGIHE.

Basaba Reta gusigura uburyo umuntu yoreresha umwana wiwe iyo atabishoboye, no gukora ibishoboye kugira itakara ry’imico y’abarundi biriko biratituka bihere, mu gihe abo nyene bata abana canke bakabaniga, kenshi usanga bari mu bakora ubuhumbu izuba riva, bakabavyara batari babipfuza, ndetse batagira naho bari bubarerere.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.