Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi b’abarundi bazohiganirwa Groove Awards 2013 bamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Abaririmvyi b’abarundi bazohiganirwa Groove Awards 2013 bamenyekanye

Abaririmvyi b’abarundi bazohiganirwa Groove Awards 2013 bamenyekanye

samedi 11 Rusama 2013

Groove Awards, ni amarushanwa y’abaririmvyi baririmbira Imana, abera mu
gihugu ca Kenya ku bwira bw’umuryango wigenga wa Skiza ishami rya
Safaricom.

Abazotsinda bazotahukana ubushimwe butandukanye mu vyiciro 29 bigize ayo mahiganwa harimwo n’abarundi. Ibi bikaba vyabaye muri iri joro ryakeye
igihe hemezwa uru rutonde, bikaba vyabereye i Nayirobi muri Kenya.

Nk’uko Moriah Entertainment Group, umurwi urongoye ayo mahiganwa mu Rwanda no
mu Burundi biciye ku murongo w’ubuhinga ngurukanabumenyi
wwww.rwandagospel.com<http://www.moriah-entertainment.com/> ,
uyu murongo usanzwe utangaza amakuru ajanye n’ubucuraranzi bw’indirimbo z’Imana zo muri Afrika y’Ubuseruko.

Abaririmvyi batandatu (6) bava mu Burundi, batowe ni : David Nduwimana, Dudu Niyukuri, Fabrice Nzeyimana, Fortrand Bigirimana, Redemption Voice na Seraphins Song.

abo baririmvyi b’abarundi, batoranijwe mu bandi benshi bari kumwe ku rutonde. Mu nyuma hakazotorwa umwe muri abo batanzwe.
Uwuzoba yatsinze azoronswa agashimwe na Groove Awards, akaba ari n’ako gashimwe gakomeye ko muri kano karereka afrika y’Ubuseruko.

Uyo muririmvyi azoba yatowe akazomenyekana biciye mu matora azoba hifashishijwe kurungika ubutumwa bugufi (SMS) ndetse no k’umuhora ngurukanabumenyi
kuri www.facebook.com/grooveaward/app_137541772984354.

Abazoba batsinze bazomenyekana ku wa 01/06/2013, inyuma y’ibikorwa
bitandukanye abari mw’ihiganwa bose bazitabira birimwo kugendera no gufasha
abatishoboye n’impfubyi bo mu gihugu ca Kenya aho aya marushanwa azobera.

Kuva mu 2004, abaririmvyi hafi igihumbi bagiye barahamagarwa muri aya
marushanwa. Abangana ijana na mirongo itanu (150) bahawe agashimwe ka Groove Awards.

Twobibutsa ko ari ubwa gatatu Uburundi buja muri ayo mahiganwa ya Groove Awards. Ku ncuro ya mbere (mu 2011) hatsinze Fabrice Nzeyimana, ku ncuro ya kabiri (mu 2012) Groove Awards ku ruhande rw ’Uburundi yatwawe na Joy.
Umwaka ushize ni Eko Dydda na Emmy Kosgey baronse ako gashimwe.

Mu burundi urutonde rw’abazohiganwa rukaba rwatowe n’amaradiyo hamwe na bimwe mu binyamakuru bikorera i Bujumbura.

Urwo rutonde ni uru mu Burundi

David Nkundimana
Dudu Niyukuri
Fabrice Nzeyimana
Fortrand Bigirimana
Redemption Voice
Seraphins Song

Mu gihugu ca Uganda naho ni :

Coopy Bly
Exodus
Holy Keane Amooti
Jackie Senyonjo
Ruyonga
Wilson Bugembe

Mu gihugu c’Urwanda ni :

Bahati Alphonze
Gaby Irene Kamanzi
Theo Uwiringiye
Tonze
Kabaganza Liliane
Patient Bizimana

Muri Tanzaniya ni :

Bahati Bukuku
Bonny Mwaitegi
Christina Shusho
Martha Mwaipaja
Rose Muhando


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.