Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abubakanye basabwa kwigizayo za ngendanwa kugira barangure amabanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Abubakanye basabwa kwigizayo za ngendanwa kugira barangure amabanga (...)

Abubakanye basabwa kwigizayo za ngendanwa kugira barangure amabanga yabubatse ata nkomanzi

jeudi 27 Ntwarante 2014

Abahinga mu vy’ingo n’uko zubatswe basanze itera mbere ry’ubuhinga bwa none riri mu bintu rimwe na rimwe ingo zisambuka. Ivyo bitumwa na za gendanwa canke imboneshakure n’ibindi bikunze guhagarika imibonano mpuzabitsina, bigatuma iryo banga ryabubatse ridaheza ngo rikorwe nk’uko ryategerezwa. Hari ho umunsi utegekanijwe wo kwigiza kure ivyo vyose, maze urukundo ruhabwe isaha imwe yikwije.

Ubuhinga bwa none bwazanye za gendanwa(Téléphones Mobiles) n’ibindi k’imboneshakure canke insamirizi(Poste radio ou Télévision) bwatumye ingo zimwe zimwe zisambuka. Ivyo rero bitumwa n’uko mu gihe abubakanye bariko bagira imibonano mpuzabitsina haraho umwe muri bo baca bamuhamagara kuri ngendanwa, bakamurungikira ubutumwa(message), canke hakavuga ikintu gitangaje mu nsamirizi canke ku mboneshakure gituma umwe canke bose bakanguka. Bimaze kuba uko, wa mwanya wari wagenekewe ca gikorwa gikomeye hagati yabubakanye gica gihagarara kandi ku vy’ukuri batari bwaheze. Bose bajana akangonongo, bimaze kuba kenshi biteba bizana ingorane mu rugo.

Ku bw’ivyo, ishirahamwe WWF ryashizeho umugambi "Earth Hour" bisigura "isaha imwe mw’isi". Uwo mugambi usaba abubakanye gufata isaha imwe, bazimye za gendanwa, imboneshakure, insamirizi, n’amatara, hanyuma bahe umwanya ibanga ry’abubatse ata gishobora kubakoma. Ni kuvuga kwigizayo ico kintu cose gishobora ku babuza kurangura ayo mabanga ata nkomanzi.

Muri iyo saha izoba ihawe urukundo bise "Love Hour", umwanya wo kwoga ntawurimwo, kwoga ni kare. Abahinga bagize amatohoza bise "Harris Interactive" basanze abagore bagera ku bice 62% bo mu gihugu c’Ubwongereza baciriye hagati imibonano mpuzabitsina kubera za ngendanwa zabo.

Kuri uwo wa gatandatu w’igenekerezo rya 29, abubakanye bose bo kw’isi nzima basabwe ko kuva igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu z’ijoro 20h 30 gushika igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu 21h 30 (20h 30 a 21h 30) boha umwanya imibonano mpuzabitsina bisanzuye ata ngendanwa, ata mboneshakure, ata nsamirizi, eka ata n’amatara yaka, maze ayo mabanga akorwe neza atacamira.

Mwirabire aha munsi ingene za ngendanwa ari impambamyi ikomeye mu rukundo


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.