IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abungere ba Ekereziya gatorika bararajwe ishinga n’itunganwa ry’amatora

Abungere ba Ekereziya gatorika bararajwe ishinga n’itunganwa ry’amatora

lundi 8 Kigarama 2014

Abepisikopi ba Ekereziya Gatorika bavuga ko umugwi utegura amatora (CENI) wari ukwiye gukora ataho uhengamiye, mu gufata co kimwe imigambwe yose, kuko bishobora kugira ingaruka mbi mw’ituganwa ry’amatora Uburundi bwimirije.

Mu butumwa bahaye abakirisu, kuri uwu wa mungu igenekerezo 8 Kigarama 2014, abungere ba ekereziya gatolika mu Burundi, bamenyesheje ko abarongozi b’igihugu aribo bafise uruhara mw’itunganwa ryiza ry’amatora Uburundi bwimirije mu 2015. Abo bungere bahamagarira umurundi wese akwije imyaka yo kuja mu matora, ko atokwigira sindabibazwa kuko nawe uruhara rwiwe rukenewe mu gucungera amatora kugira ntabemwo ubusuma.

JPEG - 99.7 ko
Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, Umukuru w’inama nkuru y’abepisikopi bo mu Burundi

Abungere ba ekaleziya bo mu Burundi, barashima cane intambwe abanyeporitike bari bamaze gushikako, mu gutangura ibiganiro, bongera baranashira umukono watewe ku rupapuro rw’inzira, nkuko bishikirizwa n’umukuru w’inama nkuru y’abungere ba ekereziya gatorika, Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa.

Abo bakozi b’Imana bahamagarira umugwi CENI gukorera ku mugaragaro, ataho bahengamiye kuko itunganwa ribi ryamatora, canke hagiyemwo ubusuma, bishobora gukwega akarambaraye mu gihugu. "CENI yari ikwiye kwumviriza no gukorana n’imigambwe yose."

Abungere ba ekereziya gatorika bamenyesha kandi ko hamaze iminsi hibonekeza mu gihugu ukutihanganiranira hagati yabanyamigambwe, aho bakagaruka ku mishamirano ikunze kuvyuka hagati y’urwaruka ruri mu migwambwe itandukanye. Abo bakozi b’Imana bahamagarira Reta y’Uburundi gucungera umutekano w’abarundi bose, kugira amatora aze abe mu mahoro n’umutekeno.


Alida Sabiteka

Messages

  • Nukuri urwego CENI nibaruhe abigebeye Imana naho Ndayicariye ntaco abarundi tumizeko Atari kudusubiza mungwano.

  • jewe ivyo bavuga sindavyemera kuko nimba babona amahinyu muri CENI kuber’iki abaserukira Eglise bagumamwo ?Imvugo yonyene yabari muma CEPI na CECI ntitandukanye niyo Ndayicariye avuga.Bibuke ko bajejwe imitima y’abarundi benshi hama bitandukanye nibitagenda neza

  • Ndabwira ababasenyeri kandi ndabubaha ariko mumabwirizwa 10 y’Imana harimwi ibwirizwa zivugango ntukagirize ibinyoma mugenzawe, mwebwereroba Senyeri muragiruje umurwi CENI Ko ushigikiye abashobora kwikika mukiza ndabahakaniye n’Imana izobimparureko ntabwo bifuza Ko uwowese ashaka gukora amanyanga mubijanye namatora koyobikora, Ivyuwomurwi CENI ndabigereranya natwebwe aba kristu banyu mwebwe basenyeri ntawo murerekera ngwaje gusambara, kwiba, kuraguza, kuroga, nibindibibi bikunze gukorwa naba Kristu banyu ariko tuvuzeko ivyo aba Kristu banyu bakorabibi Ko arimwebwe mubibigisha ukurintikwoba kurimuritwebwe bwigishako aba Kristu banyu bitwaraneza ariko ntibabunzire, ibibayekugitikibisi mbega kucumyehoho bicuriki? Ahandashatse kuvugako’ niba Adasenyeri bigisha ijambory’Imana ariko ivyobigishije namwe mubakristu babo bakabirengako CENI ihagarariye abavamumadini atandukanye nabatarimumadini niyomugihe abantu bakoze amanyanga twocatwagiriza ngwirabashigikiye! Ntukagirizibinyoma mugenzawe.

  • AHOHO NIMWIGISHE ABAKIRISU BABO BAREKE KURONDERA KARANGAMUNTU,NAMBA UMUNTU ARIKO ARARONDERA INDANGAMUNTU ABA ARIKO ARIBA AMATORA.SHA CATORIKA YARIKWIYE ABANTU CUMI NKA ZEBIYA BAGAKWIRA INTARA ZOSE BAKAYIHANGA.NIHO BOMENYA KWABARUNDI BADASHOBOKA.AHABWO RETA NIREKE ZEBIYA AYIHANGE BARABE

  • turashimiraaungerebacu.kukuntubitanga.mugukurikirana,amatora,imanaibajimbere.

  • namba vyukuri abo basenyeri babona amanyanga ya ceni hanyuma bakaguma muma cepi finally there are contributing murayomakosa bategerezwa kugabisha ceni ivyanse bagca batangimihoho nkabandi bose babivuyemwo notamment frodebu

  • Basha n’abo bihebey’Imana ivyabo biratugora itahura, none ko izo ngorane zose zishika basanzwe bari munzego zose z’Ubutegetsi!! Ahubwo jeho mbona ko bagiye kwita mubitari ivyabo! Bakwiye kubivamwo bakaja mu mabanga yivy’Imana gusa!! Nakare YESU yavuze ko ubutware bwiwe butari murino si!!

  • Gatorika. Yubatsekurutare ningabozashetani ntizizoyisenya. Wewewemera Zebiya.Canke Wibazakwizosambuka.Cirabirarura, wivugiremake!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.