Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abunguruza abantu n’ibintu ku makinga ntibazi amategeko abagenga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abunguruza abantu n’ibintu ku makinga ntibazi amategeko abagenga

Abunguruza abantu n’ibintu ku makinga ntibazi amategeko abagenga

lundi 17 Ruheshi 2013

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ruheshi 2013, ishirahamwe ry’urunani rw’abunguruza abantu n’ibintu ku makinga SOTAVEBU ryerekanye amakenga rifise ku bijanye n’itegeko rishasha riherutse gushirwako umukono n’umukuru w’igihugu.

Muri ico kiganiro caremeshejwe n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe, David Dusabe yerekanye amakenga bafise ku bijanye n’iryo tegeko. Ingorane nyamukuru niyo kutamenya kw’abanguruza abantu n’ibintu ku makinga amategeko arigize hamwe kandi n’uko usanga hari abatazi gusoma no kwandika. Ivyo bigatuma bahohoterwa ntibamenye ko bahohotewe. Akarorero yatanze n’abanguruza abantu n’ibintu ku makinga bashika aho bababujije, hama bamaze gufatwa bagatozwa ihadabu y’umurengera idasa n’iyiri mw’itegeko,.aho bacibwa ihadabu y’amafaranga ibihumbi mirongo ibiri (20.000F) vy’amarundi kandi itegeko risaba ihadabu y’amafaranga ibihumbi bitanu(5000Frs) gusa.

Iyo bahejeje gutanga iyo hadabu y’umurengera, babasubiza amakinga yabo ariko icemezo c’aho barihiye bagaca bakibaka kigasigara mu giporisi..
Ivyo vyose rero biva ku murwi w’igipolisi usanzwe ukorana n’ishirahamwe SOTAVEBU,
usa n’uwutariko urakora ico washinzwe.nk’uko Dusabe yabandanije abimenyesha. Uwo murwi urongowe n’umukuru w’igiporisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara Arthemos Nzitabakuze, aho gukora ukurikije amategeko ahubwo urayarenga, akagaruka ku karorero k’ihadabu itozwa abanguruza ibintu n’ibintu.

Ico basaba ico giporisi c’uruja n’uruza mu mabarabara n’uko botunganya amanama kuri abo bose berwa n’ikibazo kugira bashobore gukinga ico cose cotuma badahuza n’abunguruza abantu n’ibintu ku makinga. Ivyo rero vyotuma haba ugukorana neza hagati y’urwego rw’igipolisi n’urwego ruserukira abanguruza abantu n’ibintu ku makinga.

Yarangije amenyesha ko iryo tegeko rigenga umwuga wo kwunguruza abantu n’ibintu hakoreshejwe amakinga ryaje hageze kuko ariryo rya mbere kuva kera. ariko arongera akibutsa ko abo ryerekeye batazi ibirimwo.akavuga ko bakubagurwa n’abaporisi babaziza kutubahiriza amategeko kandi atayo basiguriwe neza.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.