Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC - IKIBIRI : Amakosa yabonetse mu kwiyandikisha yerekana ubusuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ADC - IKIBIRI : Amakosa yabonetse mu kwiyandikisha yerekana ubusuma (...)

ADC - IKIBIRI : Amakosa yabonetse mu kwiyandikisha yerekana ubusuma bwateguwe na CNDD-FDD

jeudi 29 Nzero 2015

Mu runani ADC IKIBIRI basaba ko amakosa yabaye mw’ iyandikwa ry’abazotora yokosorwa ataraho naho ico gikorwa kigasubirwamwo cose kuko cagaragayemwo amahinyu menshi cane, ariko mu mugambwe CNDD-FDD no mu murwi CENI bo si uko babibona.

Mu gisagara ca Bujumbura hariko harabera inama ihuza umurwi ujejwe gutegura amatora CENI mu Burundi, hamwe n’impande zose zirabwa n’ikibazo c’amatora. Intumbero y’iyo nama akaba ari kurabira hamwe uko igikorwa co kwiyandikisha cagenze hamwe no guhanahana ivyiyumviro ingene boha akaryo ku batashoboye kwiyandikisha muri za ndwi zibiri zari zatanzwe nabo bakiyandikisha. Petero karaveri Ndayicariye avuga ko iyo nama ibaye mu ntumbero yo kwumviriza impande zose zirabwa n’ikibazo c’amatora kugira batorere inyishu hamwe y’ibibazo bihari gurtyo babone gutera baja imbere.

Muri iyo nama yatanguye kuri uno wa kane igenekerezo rya 29 Nzero, haragaragara ukudahuza hagati ya bamwe n’abandi ku tunenge twabaye. Kubwa Léonce Ngendakumana, arongoye urunani ADC avuga ko bitangaje ukungene utunenge twagiye dutorwa muri ico gikorwa c’ukwiyandikisha twagiye tuba tumwe hose kandi ugasanga twakozwe n’abantu bamwe nyene, ku bwiwe avuga ko ari integuro y’umugambwe CNDD-FDD, yo kwiba amatora. Ndetse mugenzi we muganga Yohani Minani yafashe ijambo nawe nyene avuga ko utunenge twagiye twibonekeza twerekana neza ko amatora yamaze kwibwa. Aha bakavuga nk’ibinenge bikurikira : icerekeye amakarata ndangamuntu yahawe abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD ibicishije ku bajejwe intwaro abandi banywanyi b’iyindi migambwe bakazibima, abantu biyandikisha incuro nyishi, abana bahawe amakarata ndangamuntu batarakwiza imyaka, abantu bagiye bafatanwa amakarata menshi, amakarata y’abantu bitavye Imana yagiye akoreshwa, abagiye bategwa ubwoba bwo kuja kwiyandikisha n’aya misore ihurikiye mu mugambwe CNDD- FDD, n’ibindi n’ibindi.

Ariko Léonce Ngendakumana avuga ko ashima ko impande zose bahurizako ko habaye amakosa ariko aho badahuza n’uko abo mu murwi CENI hamwe n’umugambwe uri ku butegetsi basa n’abadaha uburemere amakosa yabaye. Leonce Ngendakumana yasavye ko hokoreshwa ico bita ’’Jeton electronique’’ kugira ntihaboneke ubusuma, akavuga ko n’ubwo ubwo buryo buzimvye Reta yarikwiye kuburondera aho ko igihugu kigwa mu ndyane. Ariko rero ngo n’ubwo biboneka ko umurwi CENI udashaka gukosora amakosa yagiye aboneka, uko bigenda kwose bategerezwa kuzoja muri matora.

Mu mugambwe CNDD-FDD bo ayo mahinyu avugwa n’abatavuga rumwe na Reta basa n’abatayabona kumwe, ku bwabo ngo impari ziguma ziri muri abo batavuga rumwe nta kindi zigamije atari gurtyoza uwo mugambwe hamwe no kubakura mw’ihiganwa. Mbere mu mugambwe CNDD-FDD bo bavuga ko iyo nama isa naho ije kubatesha umwanya gusa, ahubwo icari cihutirwa ku bwabo n’uko homanikwa intonde zerekana abiyandikishije gurtyo imyiteguro y’amatora ikabandanya ukuri kwamye, nk’uko Pascal Nyabenda abishikiriza. No mu mugambwe UPRONA wemewe n’amategeko bakaba basaba ko intonde zabioyandikishije zoshirwa ahabona.

Muri iyo nama n’abasanzwe baserukira amashirahamwe adaharanira ivyocaro vya poritike baronse akaryo ko kwerekana ivyegeranyo bakoze mu gikorwa co kwiyandikisha, naho nyene hakaba habonetse impande zibiri aho nko muri COSOME berekanye amahinyu menshi yagaragaye muri ico gikorwa, ariko nko mu mashirahamwe ONELOP na ACOPA, bakabona ko utunenge twabaye ari duto cane tutotuma ico gikorwa gisubirwamwo.

Tubamenyeshe ko iyo nama imara iminsi ibiri ikarangira kuri uno wa 30 Nzero, ku rutonde rw’ivyigwa uburyo bugiye gukoreshwa mu gutanga karangamuntu kugira abatiyandikishije bashobore kubikora hamwe n’ibijanye n’ico gikorwa n’ibindi.


Floxella Karire

Messages

  • Ndatakambiye Umurudi Umunyamahanga wese afise ijunja n’ijambo cane cane birya bihangange vyahagarikiye PACTE d’Arusha barabe neza twebwe Abarundi twacitse kw’icumu ry’intambara! tuguma dusemerera iryo yandikwa nirisubigwemwo abariteguye mwese murazi ingene babwira abarundi n’amakungu ko amakarata ageze ahohejuru ava muri sud-Afrca!arikwiribinyoma! amafranga nitwebwe abarundi tuzoyariha hako tugwamukaga

  • jewe mbona iyandikwa ryabaye ryofutwa burundu hama hagatarwa karangamuntu zishasha hagasubira kuba irindi yandikwa rishasha ahandihoho amatora yibwe akiriko ntacobuza kuwariyiyandikishij asubira kwiyandikisha ubwakabiri vyoroshe cane.

  • JEWE MBONA KO DD YAMAZE GUTSINDA KUKO ENROLEMENT NI DEJA GAGNE IWABO..NAHO BABANDANYA ENROLEMENT NABO BAZOBANDANYA KUKO ENCRE INDELIBILE NIYO BATUMAKO UMUNTU AFISE IDENTITE NYINSHI AZOTORA,ABANYAMAHANGA BATORE,IMICUKO ITORE KANDI OPPOSITION NTA MAHERA IFISE YO GUHEMBA ABA MANDATAIRES POLITIQUES NUBU BARAGANYA MURI ENROLEMENT...DONC DD YARAHEJEJE UMUPRESIDA ABA PETER CANKE UWUNDIMU GENERL AHO NTA KIBAZO NUKO ..OPPOSITION INANIWE GUSUBIRAMWO ENROLEMENT NI DEJA VICTOIRE POUR DD MUZOMPINYUZE..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.