Accueil > Amakuru > Poritike > ADC Ikibiri : Ivyemewe n’inama nshingamateka bazovyemera babibonye
ADC Ikibiri : Ivyemewe n’inama nshingamateka bazovyemera babibonye
jeudi 19 Kigarama 2013
Ibiganiro vyari bimaze iminsi vyitezwe ku bijanye ku mpinyanyuro zokorwa mu nteguro y’ibwirizwa shingiro vyatangujwe kuri uwu wa kane n’inama nshingamateka y’Uburundi. Abatumiwe muri ivyo biganiro biteze ko inama nshingamateka izokorera ku vyiyumviro bitandukanye bihava bitangwa, kugira ibwirizwa shingiro rizosubirira irihari rizobe rwahurijweko n’impande zose.
Abakuru b’imigambwe yose yemewe n’amategeko, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abaserukira amadini n’abashingamateka bahuriye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe. Umukuru w’inama nshingamateka, Piyo Ntavyohanyuma, ari nawe yuguruye ivyo bikorwa bizomara iminsi ibiri, yamenyesheje ko abarundi n’amakungu bahanze amaso ibizova muri ivyo biganiro, kugira bashireho ibwirizwa shingiro rihumuiriza bose. Piyo Ntavyohanyuma araremesha abitavye ivyo biganiro ko inama nshingamateka izokwisunga ivyiyumviro bitandukanye bizoba vyatanzwe n’abaserukira abanyagihugu, aca asaba abo banyeporitike n’abandi bose kuzoyaga bahuza, bashire ku ruhande inyungu zabo, bafashanye n’abashingamateka gutosora ibwirizwa shingiro.
- Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi
Mu runani ADC Ikibiri bari bitavye ubutumire bamenyesha ko biteze kuraba namba ivyashikirijwe n’umukuru w’inama nshingamateka ko bazokwisunga ivyiyumviro v’yabandi bizoshirwa mu ngiro. Kubwa Léonce Ngendakumana, arongoye urunani ADC Ikibiri, icizere gisigaye n’uko abashingamateka batazokwemeza integuro y’ibwirizwa shingiro nk’uko bayirungikiwe na Reta, ahubwo bazokwisunge ivyiyumviro vya bose, binakenewe mbere iyo nteguro isubizwe muri Reta kwigwa gushasha.
Egide Nduwimana
Messages
19 Kigarama 2013, 13:19, par xyp
Ahubwo dusabe IMANA ifashe abo muri ADC kuko nibo bakunda kugumukauziko bakunda guharira nzoba numva iherezo ryabo
19 Kigarama 2013, 15:14, par harerimana
jewe nosabo ko vyogedaneza bakumvikana batarinze gushamirani