Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC-Ikibiri iratera ivyatsi ubwicanyi bwahitanye Zedi Feruzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ADC-Ikibiri iratera ivyatsi ubwicanyi bwahitanye Zedi Feruzi

ADC-Ikibiri iratera ivyatsi ubwicanyi bwahitanye Zedi Feruzi

lundi 25 Rusama 2015

Urunani rw’imigambwe ADC-Ikibiri,igisata gikorera mu bindi bihugu ruratera ivyatsi ubwicanyi bwahitanye umukuru w’umugambwe UPD-Zigama Ibanga,Zedi Feruzi,kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 rusama,2015.

Mw’itangazo ryateweko umukono na Pancras Cimpaye,arongoye urunani ADC-Ikibiri hanze y’Uburundi,i Bruxelles mu Bubirigi,kuri uno w’Imana igenekerezo rya 24 rusama,urunani ADC-Ikibiri rwibutsa umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko ariwe azobazwa amaraso y’abantu ataco bazira ariko araseseka.

Iryo tangazo rimenyesha kandi ko ,ibintu vyatanguye kuba nabi kuva kw’igenekerezo rya 26 ndamukiza,umunsi imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,abo mu runani ADC-Ikibiri bavuga ko giciye inyuma y’amategeko yatangura.

Urunani ADC-Ikibiri rusaba abari mu myiyerekano kwirinda ababasotora,bakabandanya kandi imyiyerekano itarimwo isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu.Urwo runani rurashima ukwitanga kuranga abari mu myiyerekano,mu gukingira agateka ka zina murundi wese.

Mu kurangiza urunani ADC-Ikibiri ,igisata gikorera hanze y’Uburundi,rutera akamo amakungu ngo aze gufasha Uburundi kuva mu ngorane kirimwo.

Messages

  • komere komere.ingorane zose ziri muburundi de nature politique ziterwa na 3e mandat.tuzoguma dukebura le conserné gushika yibwiye

  • erega mwe murimpunzi muzindi gusa rindire twongere tubatware musubire mumaramare je mwe murantwenza burya murarota ko muzigera muja ku utegetsi mukijujuta nkuko nka zed feruz mwaray mumuhoyi mwe na shovinyo ?

  • hari hakwiye kugir amatohoza kuko ibiriko birakorwa vyose bifis uwuzobibazwa bitebe bitebuke intah izofat ijambo irah pita

  • Ikintu gihari n’iki, ntimuvuge ngo igihugu c’uburundi ngo kiriko kibonekamwo amahoro,erega mutamurashe ntawuriko arava k’ubutegetsi,yaba yakugwaho n’amajambo aba yarakinjuye, mukabona mumuhushirije aha ndabarahiye ibwirizwa nshingiro azorihindura nkuwuhindura impuzu kuko niyo uhindura atacamira,nawe ari namatwi niyumve ko atanumwe amushigikiye mumafuti yiwe harya ngo intabwigwa ibwigwa nuko amaso atukuye...

  • sinumva nukuri ikintu Zed yazize umve ntaco yapfa numugambwe cdd-fdd sinawe yagumuye abantu ngo baje mwibarabara uyumunsi arapfuye azize ingorane zabaye kera ngo mukunde mushike kuvyo mwipfuza .. pancras Cimpaye ngo ashimiye cane ukwitanga kwabakora imyiyerekano mugukinzira agateka kazina murundi wese .. ntanubwoba ufise amazu araturigwa,abantu barabohwa bakanabaturira izuba riva ,imiduga ya Leta niyabikorera utwabo iriko iraturigwa amaraso ariko araseseka tutibagiye na ya Zed ferous amabarabara umwotsi numuriro nivyo bitwikiriye cartis zirimwo imyiyerekano ngo ushimiye abakora ivyo ? abapolice barasa abantu,abakora imyiyerekano bariko bahonya ibintu nabantu bose bangomba gushikirizwa ubutungane mpuzamakungu adolph ntazogenda namwe ngo musigare muzojana mwese .. mwihenze naho ivyomukora tuzobigwiza kabiri Murakoze

  • sinumva nukuri ikintu Zed yazize umve ntaco yapfa numugambwe cdd-fdd sinawe yagumuye abantu ngo baje mwibarabara uyumunsi arapfuye azize ingorane zabaye kera ngo mukunde mushike kuvyo mwipfuza .. pancras Cimpaye ngo ashimiye cane ukwitanga kwabakora imyiyerekano mugukinzira agateka kazina murundi wese .. ntanubwoba ufise amazu araturigwa,abantu barabohwa bakanabaturira izuba riva ,imiduga ya Leta niyabikorera utwabo iriko iraturigwa amaraso ariko araseseka tutibagiye na ya Zed ferous amabarabara umwotsi numuriro nivyo bitwikiriye cartis zirimwo imyiyerekano ngo ushimiye abakora ivyo ? abapolice barasa abantu,abakora imyiyerekano bariko bahonya ibintu nabantu bose bangomba gushikirizwa ubutungane mpuzamakungu adolph ntazogenda namwe ngo musigare muzojana mwese .. mwihenze naho ivyomukora tuzobigwiza kabiri Murakoze

  • Nukuri intumva ni nyinshi nawewe ushigikiy 3emandat urimwo,abaturiy amaradiyo bayahigiy kera,abatang armes,abarasa manifestants turabazi arik umusi bitavy’IMANA tuzopfa kubibuka ntitwomera nkabo,feruzi umuremyi amwakire@@

  • Nukuri intumva ziracariho nk’Imbonerakure arizo MBURAKIMAZI,ariko umuremyi azofata ijambo umusi umwe:abaturiy radios,abatanga armes,abarasa manifestants bahenze policiers barazwi,umuremyi azobarabir igikwiye@

  • Ariko Petero Nkurunziza Ntiyokwihanura Kugira Amaraso Ahagarare Mbega Ayo Maraso Ahaye Aseseka Bitumwa Nande? Mumenyeko mumenyeko Nyamubura Ikimuhanura Ariwe Nyamubura Ikimuhamba

  • Hako amaraso aguma aguma aseseka Ku Barundi,Petero Nkurunziza niyubahirize ibwirizwa nshingiro.

  • Bumwe ;tomora Neza Aba Ba Pancrase Igihe Bakubita Kudeta Yari Kucaba Ambasade Aho Yanditse Ari Rero Ivyo Yandika N,ihahamuka Kubandany,imyiyerekano Nupfusha Ugapfugaragura Ikizi Mugihe Kigishushe Niko Nuyari Amahoro Azogaruk,iburundi Avyumva Mu Ndoto Reka Basare

  • NATWE TURI MURI ADC IKIBIRI IVYIYUMVIRO VYANYU TURABISHIGIKIYE NATWE NTITUROTA TWEMERA MANDANT YA 3,AHOMURI HOSE IMANA NIYONKURU IZOBIKORA

  • uwavuga ngo abandi ni intumva n’igiki cotwemeza ko we yumva kuva ahoyahanuriwe ngo ahebe 3mandat"il n’est pire sourd que celui qui ne veut pas entendre et aveugle que celui qui veut pas voir"

  • turinyuma yanyu adc ikibiri,kandi tuzobatora turi benshi cane,iyi ntwaro ya cndd fdd itugeze ahantu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.