Accueil > Poritike > Imigambwe > ADC yagiriza Nduwimana kuba ariwe yamye afasha ivuka ry’amashirahamwe ya (...)
ADC yagiriza Nduwimana kuba ariwe yamye afasha ivuka ry’amashirahamwe ya Nyakuri
mercredi 20 Munyonyo 2013
Inyuma yaho Aimable Bakundukize na Gabriel Banzawitonde bagirishirije inama bavuga ko ari abanyawanyi b’urunani ADC Ikibiri kandi baruhijwe n’ibikorwa vy’urwo runani bakipfuza kugira urwabo, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko umunsi bamwituye, bashaka gushinga ishirahamwe rifasha mu gutsimbataza amahoro, n’umutekano azobakira.
Mu kiganiro Karadiridimba, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba avuga ko Bakundukize na Banzawitonde atabazi, ariko hamwe bomwitura baje gushinga ishirahamwe ritsimbataza amahoro n’umutekano, atari urunani rw’imigambwe rurihamwe, azobemerera, kuko na kare urunani ADC Ikibiri Nduwimana avuga ko rutemewe n’amategeko, kandi ivyo urwo runani rukora bidahuye n’amategeko.
Mu runani ADC Ikibiri rero bakaba bavuga ko badatangazwa n’imvugo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, kuko bemeza ko yarondeye kuva kera ukwo yobafuta biramunanira, ubu akaba ari naco gituma ariko akora ijoro n’umutaga ararondera ayandi mashami ya Nyakuri muri urwo runani. Leonce Ngendakumana asanzwe arurongoye, akavuga ko uyo mushikiranganji ariwe yama afasha abasambura amashirahamwe canke imigambwe yose ivuga ibitagenda neza mu gihugu, mu kubacamwo amashami.
Umushingamateka Ngendakumana akaba abandanya avuga ko basavye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko imigambwe 40 ari myinshi, ko nyabuna igikuru ari ukwo yofasha imigambwe yacitsemwo imice igasubirana, ariko umushikiranganji yanse, none ubu abandanya gufasha ivuka ry’ayandi mashami ya Nyakuri. Leonce Ngendakumana akaba arangiza amenyesha ko urunani ADC Ikibiri rwikwije, kandi rutazigera rutinya agashami kose koza kubacamwo imirwi, ari naco gituma, umurwi mushasha utamuteye ubwoba kuko atanahamwe uzwi haba mu gihugu hagati canke mu gisagara ca Bujumbura.
Tukabamenyesha ko Aimable Bakundukize na Gabriel Banzawitonde barongoye uyo murwi uvuga ko wavuye inyuma ya ADC Ikibiri aho bavuka ku Ndava, abanyagihugu baho bemeza ko abo bantu ari abasuma, ababeshi, mu gihe Aimable Bakundukize we yahinduye n’izina, araheza yiyita Teophile Bakundukize, ari naho ku Ndava bamwita nabo Teopiste. Teopiste rero akaba yahinduye izina amaze kuyoberwa ikibazo c’umwaka wa gatandatu, maze aca afata iryo zina rishasha araheza abona kubandanya amashure gushika mu mwaka w’10 mu Kinama ca Bujumbura, aho yaciye yironderera urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza rwo mu gihugu kibanyi ca Kongo iharanira intwaro rusangi, ndetse bikavurwa ko afise n’ubuhinga mu gukora impapuro z’umutsindo za magendo, nk’uko bagenzi bacu b’iradiyo ijwi n’abanyagihugu babitohoje.
Kuri ivyo, umuvugizi w’urwo runani Alliance pour la Paix, la Démocratie et la Réconciliation ruvuga ko rushaka gutembagaza ADC Ikibiri Gabriel Banzawitonde, avuga ko muri poritike ivyo bibaho ko umwe wese abavuga uko ashatse.
Aristide Nizigire
Messages
20 Munyonyo 2013, 11:59, par SINZOBATINYA
Burya n’umuswa warigeze ibuye none Edouard Nduwimana y ’iyumvira ko ADC IKIBIRI ko ari URUNANI ruhobahoba hamwe nimicuko yoooooooooose yo ruhangara baramuhenze ngo INJOGORI IRAVOMA kandi UBURO NTIBWOTSWA nateshwe ate ivyo vyamunaniye naho bazoraramwo burya rero bareka gusinzira bariko biyumvira ADC nibahumure twebwe ntituzokora nkuko bo bakora
mugabo ico ndabanegura nikimwe iyaba biyumvira kandi bibaza ko ubutegetsi buhinduka canke intwaro z ’igahinduka ntibababakora nkivyo bakora bo bibaza ko bazogumaho ibihe bidashira namba ariko bavyiyumvira aho barabahenze
ADC KOMERA .ADC KOMERA TURI INYUMA YANYU NTAHO TUZOJA
21 Munyonyo 2013, 11:33, par 254729754528
Sha nibareke uwo mugabo yigira agahambaye yibaza ko Burundi arubwiwe wenyene?amenye ko abatangu gutwara ataribo bakihari.Umusi umwe azoHavana nabiwe haze (abandi)
21 Munyonyo 2013, 13:35, par Nkurunziza abdul
Twebwe turarushe nabatege bishinga gutabagura aho bokwubatse none tweho turi mumahanga tunzogaruka kwubaka igihugu cacu gute twumva izo nduru za misi yose?
30 Munyonyo 2013, 21:27, par Mama
Urimumahanga ndibaza ko urikurubaka ivyomumahanga ariko hariho abarimumahanga bamaze kwubaka ivyomugihugu camavukiro vyishi arinayompavu ahuzoshakira ukaza I Burundi uzohasanga vyishi bishasha vyerekana ko abari Burundi baticaye.
2 Kigarama 2013, 16:36, par enockkabura
hahaa sha reka aba dd bibonereko baturiye isoko turahora batwicirabantu mugatumba turahora batwicishije ubukene ukwihangana kugarukiyaho reka mundwiza bazowota nibo bawukaze
3 Kigarama 2013, 18:06, par jean ntakiyinanira
Mbe yemwe abantu baribagiye IMANA aho bibagira bibagira abayo ,mbe duwarudo yibaza ko Imana itazoshitsa amasezerano yayo vyiza yoreka bose bakikorera ivyobashatse kuneza y’igihugu