Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afganistan : Abaporisi 40 baguye mu bitero vy’abiyahuzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afganistan : Abaporisi 40 baguye mu bitero vy’abiyahuzi

Afganistan : Abaporisi 40 baguye mu bitero vy’abiyahuzi

jeudi 30 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abategetsi ba Afghanistan bavuga ko abiyahuzi bitwaje ibisasu "Bombes" bateye urukurikirane rw’imodoka z’igiporisi mu micungararo ya Kabul, bihitana abagera 40 harimwo n’abanyagihugu.

Ibisasu bibiri "Bombe" vyaguye ku modoka zari zitwaye abahejeje ivyigwa bavuye mu minsi mikuru yo kuronswa impapuro z’umutsindo mu karere kari mu burengero bw’ico gisagara ca Kabul, muri Afghanistan.

Haji Mohammad Musa Khan, umukuru w’akarere ka Paghman yabwiye BBC ko hari n’abandi bantu benshi bakomeretse.

Abataliban bamaze kwiyitirira ivyo bitero vya bombe bije bikurikira igitero cagizwe ku modoka yunguruza abantu mu ndwi imwe iheze, ico gitero kikaba cahitanye abantu 14.

Mu bapfuye hakaba harimwo uwujejwe umutekano w’umunya Nepal yakora mu buserukizi bwa CANADA muri ico gihugu ca Afganistan.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.