Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afganistan: Ibitero vyahitanye abantu cumi na batatu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afganistan: Ibitero vyahitanye abantu cumi na batatu

Afganistan: Ibitero vyahitanye abantu cumi na batatu

lundi 10 Ruheshi 2013

Abategetsi ba Afghanistan bamenyesha ko abantu 13 aribo bapfuye, abagera kuri 20 barakomereka, mu bitero bibiri bitandukanye vyakozwe ku murwa mukuru Kabul no mu ntara ya Zabul, iri mu maja epfo.

Imirwi irwana y’aba Taliban ikaba yiyemereye ko ariyo yakoze ivyo bitero.

Igitero ca mbere cakorewe hafi y’ikibuga c’indege mpuzamahanga ca Kabul catumye ingendo zose z’indege zitari iza gisirikare zihagarikwa.

Inzego z’igipolisi muri Kabul zimenyesha ko haheze amasaha atatu bari mu mishamirano, barasana n’abakoze ivyo bitero bibiri. Muri ico gihe hari n’ikindi gitero cakozwe ku biro bikoreramwo umurwi utegura amatora mu mu ntara ya Zabul.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.