Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afghanistan: Abana bishwe na OTAN
Afghanistan: Abana bishwe na OTAN
lundi 8 Ndamukiza 2013
Abanyagihugu n’abategetsi bo mu ntara ya Kunar yo muri Afghanistan bavuga ko abana cumi bahitanywe n’ibitero vy’indege z’umuryango wo gutabara wa OTAN uhurikiwemwo uburaya na Amerika ya ruguru
Ababa muri iyo ntara bavuga ko intagondwa z’abayisilamu nyinshi n’abagore babiri nabo nyene baguye muri ivyo bitero vyabereye hafi y’urubibe Afghanistani isangiye na Pakistani.
Ikibazo c’abanyagihugu batari abarwanyi bahitanwa n’ibitero vy’ingabo za OTAN muri Afghanistani kiri mu bitera umwumvikano muke hagati ya Leta zunze ubumwe za Amerika na Leta ya Afghanistani.
Karire Floxella