Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afghanistan yahagaritse umwumvikano na Amerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afghanistan yahagaritse umwumvikano na Amerika

Afghanistan yahagaritse umwumvikano na Amerika

jeudi 20 Ruheshi 2013

Leta ya Afghanistan imenyesha ko yahagaritse ibiganiro na Leta zunze ubumwe za Amerika ku masezerano y’umutekano.

Afghanistan yafashe iyo ntumbero kubera Amerika imaze gutangaza ko itanguye amasezerano y’amahoro n’umurwi w’Abatalibani.

Ayo masezerano akaba ategekanwa gutangura uno musi kuwa kane muri Qatar.
Ayo masezerano ahava atangura kuri uno musi akaba agamije kwumvikana ku ruhara rwa Amerika muri Afghanistan, ingabo z’amahanga nizimara kuva muri ico gihugu mu mwaka w’2014.

Leta zunze ubumwe za Amerika ziriteguriye kwugurura ibiganiro icese, n’abatalibani, mu mpera z’iyi ndwi, mu mugambi w’ugushiraho uburyo bw’uguhagarika ingwano, imaze igihe kirenga imyaka cumi mu gihugu ca Afghanistani.

Abategetsi ba Leta ya Amerika batangaje kw’ivyo biganiro bizotangura kuri uno musi wa kane mu gisagara ca Doha, muri Emirat ya Qatar.

Vyitezwe kw’abategetsi bakomeye ba Leta ya Amerika n’abategetsi bakomeye bo mu biro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika babonana n’abaserukira abatalibani, muvyo abategetsi bavuga ko ari ibiganiro vy’intangamarara.

Ivyerekeye ivyo biganiro vyasohotse mu gihe abategetsi bajejwe kwivuna abansi ba Amerika bemeje kw’abasirikare bane b’abanyamerika bane bishwe ejo ku musi wa kabiri mu kibanza c’igisirikare kirwanira mu kirere ca Amerika ca Bagram, mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Afghanistani, Kabul.

Umukuru w’igihugu Barack Obama ari mu nama y’abategetsi b’ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi, muri Irlande yo mu buraruko, yavuze kw’ivyo biganiro n’Abatalibani ari intambwe ya mbere, akaba yaragabishije ko yiteze ko hazoba intambamyi zitari nke muri ivyo biganiro.

Ntivyitezwe ko Leta ya Prezida w’igihugu ca Afghanistani, Hamid Karzai ija mu ncuro yo mu ntango y’ibiganiro vyo mu gisagara ca Doha.
Yamara abategetsi batangaje ko vyitezwe kw’ibiganiro vy’uno musi bishikana ku nama, hagati y’Aba Talibani n’abagize urwego rw’amahoro rwashizweho n’umukuru w’igihugu ca Afghanistani.

Gushika ubu, abatalibani baranse kuvugana icese na Leta y’umukuru w’igihugu Karzai.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.