Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afirika y’epfo: Jacob Zuma yasubiye gutorwa ngo arongore umugambwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Afirika y’epfo: Jacob Zuma yasubiye gutorwa ngo arongore umugambwe (...)

Afirika y’epfo: Jacob Zuma yasubiye gutorwa ngo arongore umugambwe ANC

mercredi 19 Kigarama 2012

Umukuru w ‘igihugu ca Africa y ‘epfo yasubiye gutorwa ngo arongore umugambwe ANC kuri uno wa kabiri itariki 18 kigarama ku majwi arenga 2000 ku barenga 3000 mu matora yabereye I Bloemfontein ahari hakoraniye inama kuva kuri uno w ‘Imana.

Jacob zuma yagumye ari umurongozi w ‘umugambwe ANC inyuma y’amatora yabereye I Bloemfontein kuri uno wa kabiri mu nama ihakoraniye kuva kuri uno w’Imana. Jacob Zuma akaba yatowe ku majwi arenga 2000 ku bantu barenga 3000 bari bitavye.

Abasanzwe batamwiyumvamwo batari bake bakaba rero batashoboye kumushira hasi. Umukuru w’igihugu Jacob Zuma akaba yasubiye gutorwa kugira arongore uwo mugambwe ANC mu kiringo c ‘imyaka itanu igiye kuza, ikaba ari intsinzi nziza ufatiye ku majwi yaronse yatangajwe ayo matora arangiye. Iyo ntsinzi rero Jacob Zuma akaba yamaze kugira icizero ko n̒amatora y’umukuru w’igihugu ategekanwa mu mwaka uza wa 2014 ashobora gusubira kuyatahukana, mu gihe kandi n’umugambwe ANC umaze kwizera ko ushobora gutsinda ayo matora.

Uwo bariko barahiganwa mukuru akaba n̒icegera c’umukuru w’igihugu Kgalema Motlanthe akaba yaronse amajwi 991, uwu akaba yari arindiriwe kuwa 13 kigarama ko azokwitoza mu barongora umugambwe ivyo atashitseko kuko ahejeje gutakaza ikibanza co kuba icegera c’umukuru w’umugambwe.

Akaba ari Cyril Ramaphosa yahora ari umunywanyi w’umugambwe w’aba syndicaliste ubu yagiye kwikorera ivy’ ubudandaji akaba ari no mu rwego mpanuzwajambo rw’ishirahamwe ry’abongereza rikorera muvyo ubutare yatowe ku majwi arenga 3000.

Nkumwe mu begereye Jacob Zuma,Ramaphosa ari mu bavurwa ko bashobora gusubirira umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2014 ari hamwe yofata ingingo yo kutitoza ku ncuro ya kabiri. Aha rero umugambwe ANC waboneyeho akaryo ko gutora abagize ibiro bishasha vya politike vy’uwo mugambwe,Gwede Mantashe akaba ariwe yatowe kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.