Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afirika y’epfo:Nelson Mandela yatoye mitende - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afirika y’epfo:Nelson Mandela yatoye mitende

Afirika y’epfo:Nelson Mandela yatoye mitende

lundi 7 Nzero 2013

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo Nelson Mandela aherutse kuva mu bitaro ubu amagara yiwe akaba yifashe neza nk’uko vyashikirijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 6 Nzero umwaka w’2013.

Uyo mutama w’imyaka 94 afise ingwara y’amahaha ,ariko bakaba baramubaze kandi inyuma yo kubagwa bigenda neza ,ubu rero akaba yatoye mitende , ndetse n’abaganga bamukurikiranye bakaba bemeza yuko uko imisi ihera ariko amagara yiwe atera amera neza.Ariko rero abaganga babandanya kumukurikiranira muhira iwe i Houghton ku mugwa mukuru Johannesburg nk’uko itangazo ryo mu biro vy’umukuru w’igihugu ribandanya ribivuga .

Ku musi wa kane umwuzukuru wa Nelson Mandela akaba yari yabwiye itororokanirizo ry’abafaransa AFP yuko sekuru ameze neza gusumba uko yahora.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.