Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afirika y’epfo:Nelson Mandela yaririye Noël mu bibitaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afirika y’epfo:Nelson Mandela yaririye Noël mu bibitaro

Afirika y’epfo:Nelson Mandela yaririye Noël mu bibitaro

mercredi 26 Kigarama 2012

Kuva mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’ 2011 Nelson Mandela yahoze ari umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo ntiyasubiye kuza aragira ingendo,kuko yahavuye yinjira ibitaro kuko amagara yiwe atari yifashe neza ; gushika nubu akaba atarasohoka ibitaro,ariko uwa musubiriye Jacob Zuma yaragiye kumu suhuza ejo ku musi wa Noël .

Nk’uko amakuru dukesha itororokanirizo ry’abafaransa AFP abivuga,birababaje kubona umuvyeyi wa Afirika y’epfo umusi mukuru wa Noël awugirira ku musego , n’ikimenyetso kibabaje ku banyafirika y’epfo kuko benshi muri bo ari abemera kristu. Ariko rero amakuru atangwa n’abamubonye aratanga icizere kuko bavuga yuko Nelson Mandela aguma akeye mu maso kandi ngo ibikorwa vyo ku muvura bigenda neza .

Jacob Zuma umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo yazindukiye ku bitaro Pretoria bigwariyemwo uwo yasubiriye , Nelson Mandela . Avuyeyo akaba yagize ati: «Aratekanye cane,igihe nashika yampamagaye mw’izina ry’umuryango , Nxamalala » ati« Aranezerewe cane n’ukuronka abamusuhuza muri iyi minsi idasanzwe kandi ariko aratora mitende».

Kuva Nelson Mandela asohoka ibohero mu mwaka w’1990 , n’ubwambere amaze imisi nk’iyo amaze ubu mu bitaro kuko yinjiye ibitaro kuva itariki 8 z’uku kwezi kwa Kigarama umwaka w’2012.Uwo mu tama w’’imyaka 94 afise indwara y’ama haha yakuye mw ’ibohero aho naho akaba yahamaze imyaka 27.Iyo ndwara yiwe ikaba iteye ubwoba abanyagihugu ba Afrika y’epfo.

Kuva reta y’ Afrika y’epfo yagirijwe ko itamenyesha ivyerekeye amagara yiwe ,ubu yafashe icemezo co gushikiriza kumwanya ku mwanya ibijanye n’amagara yiwe.Kuva aho hatangarijwe ibihuha bivuga ko Nelson Mandela yapfuye mu kwezi kwa Nzero umwaka w’2011 , abategetsi ba Afrika y’epfo n’umuryango wa Nelson Mandela baciye bunvikana ko amakuru ajanye n’amagara yiwe azohora atangwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu gusa.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.