Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Africa y’Epfo: Umugabo yagize ubukwe n’abagore bane umunsi umwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Africa y’Epfo: Umugabo yagize ubukwe n’abagore bane umunsi umwe

Africa y’Epfo: Umugabo yagize ubukwe n’abagore bane umunsi umwe

mardi 9 Ruheshi 2015

Milton Mbele w’imyaka 44 y’amavuko, ni umugabo afise abagore bane n’abana 8, akaba afise agahigo ko kuba yarabanye n’abo, inyuma y’ubugeni akabarongorera umunsi umwe uko ari bane. Bose bambaye impuzu z’ubukwe, aba bagore bane na Milton Mbele bose bakomoka muri Afrika y’Epfo , bambikanye impeta biyemeza kubana akaramata.

Ku kibazo c’uko abo bagore bane batari kuvyemera bo ko babizi kandi bavyiyemereye ntaco bibatwaye, kuko bose bamukunda atawokwemera guhebera uwundi na canecane ko nawe nyene abakunda bose cokimwe kandi ari umugabo azi gukunda cane. Milton yiyemerera ko bose abakunda ku rugero rumwe, kandi akavuga ko yambara impeta zine ku rutoka rumwe nawe akambika umwe wese imwe, kandi ku ndwi umwe wese afise umunsi umwe wo kurarana nawe, hanyuma akaruhuka imisi itatu iba isigaye mu ndwi, aho naho aca yirarana kugira aruhuke neza.

Abo bagore baba mu nzu zitandukanye umwe umwe wese afise inzu yiwe, uwo mugabo ikibazo c"amafaranga si ingorane, ni n’umworozi akomeye cane kuko afise inka zirenga ibihumbi 10, bisigura ko ikibazo c’amafaranga atari ingorane iwe.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.