Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika : Abakuru b’ibihugu benshi babisikanya ari uko habanje guseseka (...)
Afrika : Abakuru b’ibihugu benshi babisikanya ari uko habanje guseseka amaraso
mercredi 19 Ntwarante 2014
Umukuru w’igihugu ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo ashobora kudasubira kwitoza mu mwaka w’2016. Uwo mukuru w’igihugu ntarerekana aho ahagaze, ku kibazo ko ashobora kubandanya atwara canke ko atazosubira kwitoza.
Lambert Mende umuvugizi wa Reta ya Congo, kuwa 9 Ntwarante ku nsamirizi RFI(Radio France internationale, hamwe n’imboneshakure TV5, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu Laurent Désiré Kabila azokwirikiza ibitegekanywa mw’ibwirizwa shingiro, kandi ko adashobora gutwara ibiringo birenga bibiri yikwirikiranya. Nk’uko bivugwa n’uwo muvugizi wa Reta, mu mwaka w’2016, ntazosubira kwitoza, azoca ava ku butegetsi abisikanye n’uwundi azoba yatowe.
Abatari bake rero baragize ico babivuga ko, ariko nta n’umwe ayobewe ko kuva ico gihugu cikukira ata na rimwe abakuru b’ibihugu bigeze babisikanye mu mahoro. Kuva kuri Patrice Lumumba gushika kuri Yozefu Kabila, ugaca kuri Mobutu hamwe na Laurent Désiré Kabila, abategetsi bamye babisikanya habanje guseseka amaraso.
Nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro, Yozefu Kabila ntashobora kuja mu matora azokurikira, ategerezwa kandi kuba yavuye ku butegetsi ku genekerezo rya 19 Kigarama umwaka 2016.
Mu kwezi kwa Ndamukiza 2000, abanyasenegale baratangaye cane babonye Abdou Diuof abisikanije na Abdoulaye Wade. Uno munsi abakongomani bariko barota ivyo nyene, ko hoba ibisikanya riciye mu mutekano. Ariko abenshi nta nivyo biyumvira na gato.
Umwe mubo batavuga rumwe na Reta ya Kabila, Samy Badibanga amenyesha ko batizeye ko Kabila azohava asubiza ubutegetsi mu mutekano, kuko no mu makungu batanguye kubivuga. Kubwiwe, Reta ya Congo isangiye iyo ngorane y’ukudashaka gusubiza ubutegetsi, kuko hama na Petero Nkurunziza w’Uburundi hamwe na Paul Kagame w’Urwanda nabo boba bari mu biharuro nk’ivyo vyo kurondera ingene boguma ku butegetsi. Ubu bose uko ari batatu, bariko batwara mu kiringo cabo kigira kabiri ari naco ca nyuma ,ariko rero barashobora kurondera uburyo bwose bwo kugira batware ibiringo bigira gatatu.
Floxella Karire
Messages
19 Ntwarante 2014, 18:16, par uwubizi
Abandi bana!!!
19 Ntwarante 2014, 20:47, par Kabizi
Nimwumire kw’isi twebwe tuzotwara mw’Ijuru aho muzoba mutabona!
Ibihugu bimwe bimwe vya africa bikwiye gusubira mu bu Colonie kuko ibibikorerwamwo birenze ivy aba colonies!
20 Ntwarante 2014, 11:10, par Nayuburundi
Congratulation your Excellence KABILA for your rare decision but great in Africa!!Hama abigira abakozi b’Imana ngoni ba Nkurunziza babiririmba gusa batabikora basasike inganda bishakira amaronko n’inyungu mbi zo mu butegetsi!!Kabila nimutoariko si gito!!Big-up man