Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika : Abantu bagera ku miriyoni 600 ntibagira umuyagankuba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika : Abantu bagera ku miriyoni 600 ntibagira umuyagankuba

Afrika : Abantu bagera ku miriyoni 600 ntibagira umuyagankuba

mardi 20 Rusama 2014

Abantu baharurwa mu imiriyoni 600 bo muri Afrika yo munsi ya Sahara n’Uburundi burimwo, ntibagira umuyagankuba, mu matohoza yakozwe n’abahinga babinonosoye.

Ikibazo c’umuyagankuba muke, kimwe mu ngorane zugarije ibihugu vyo muri Afrika yo munsi ya Sahara. Ku bantu bagera ku muriyaridi umwe n’imiriyoni 200 baba kw’isi, muribo, imiriyoni 589 baba mu mugabane wa Afrika, nibo batagira umuyagankuba. Mu nama yahuje abahinga mu bijanye n’igisata c’umuyagankuba yabereye i Abuja muri Cote d’Ivoire, kuri uyu 19 Rusama 2014, Dominique Kakou, umuyobozi mukuru ajejwe igisata c’umuyagankuba muri Cote d’Ivoire, yamenyesheje ko igisata c’umuyagankuba muri Afrika yo munsi ya Sahara cugarijwe n’ingorane zitari nke zituma kidatera imbere.

Dominique Kakou, yamenyesheje kandi ko hamwe hatogira igikorwa mu gisata c’umuyagankuba kw’isi yose, mu mwaka w’i 2030, abantu batagira umuyagankuba, bazoba baharurwa hagati y’imiriyoni 730 na 880 na cane cane abari muri Afrika yo munsi ya Sahara. Zimwe mu nyishu zitegekanijwe gukorwa kugira bagabanye ivyohonenakarira, akaba ari ukwubaka umuhora bise « Africa Smart Grid » canke umuhora w’umuyagankuba uteye imbere, ushobora gutanga no gusaba umuyagankuba umwanya wariwo wose, kugira abantu bose bashobore kuronka umuyagankuba.

Mu nyubako y’uwo muhora, igihugu ca Cote d’Ivoire kikaba cemeye gushiramwo umutahe w’amafaranga agera ku miriyoni 152 z’amanyaburaya mu mpera z’umwaka w’i 2014.

Tubibutse ko n’Uburundi buri mu bihugu vyugarijwe n’ikibazo c’umuyagankuba mu bihugu vyo muri Afrika yo munsi ya Sahara, vyugarijwe n’ubukene bw’umuyagankuba. Abaharurwa mw’icumi kw’ijana akaba aribo bonyene bafise umuyagankuba ukwiye, mu gihugu cose.


Mariella Bukuru

Messages

  • mbe nkiki gitigiri ni bangahe mu kirundi cumva na benshi:imiriyoni bihumbi 600?????

  • None abo bansumirinda muburundi bazoterera numulioni wamarundi basi tube twihojeje amanyaburayi ngo bunganire cote d’ivoire mugukorico kigomero cakaruhariwe ngo africa ironke umuyagankuba bitagoranye cane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.