Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika : Abahuza ibitsina babisangiye ntiborohewe n’aho ibihugu rutura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika : Abahuza ibitsina babisangiye ntiborohewe n’aho ibihugu rutura (...)

Afrika : Abahuza ibitsina babisangiye ntiborohewe n’aho ibihugu rutura bibashigikiye

vendredi 14 Ntwarante 2014

N’aho ibihugu bitandukanye vyo muri Afrika bibandanya kwiyamiriza uburenganzira bw’abahuza ibitsina babisangiye, amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu amenyesha ko ari ihohoterwa rya kiremwa muntu. Umukomiseri mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Navi Pillay aranegura kubona igihugu ca Nigeria gitora itegeko ribuza abahuza ibitsina babisangiye, kuko ku bwiwe ari itotezwa ry’agateka ka zina muntu, hamwe n’ihonyangwa ry’ibwirizwa shingiro.

"Ndahagaritswe umutima n’amategeko ariko aratorwa abuza ubugeni ku basangiye ibitsina", ivyo vyamenyeshejwe na Pillay Navi mu mubonano yagiranye n’umushikiranganji w’ubutungane wa Nigeria, aho yamumenyesheje ko iryo tegeko rijanye n’uguhonyanga agateka ka zina muntu nk’uko biri mu masezerano mpuzamakungu ajanye n’uburenganzira bw’abanyagihugu (pacte international relatif aux droits civils et politiques), hamwe n’ibwirizwa shingiro ry’igihugu ca Nigeria.

Umukuru w’igihugu ca Nigeria, Goodluck Jonathan yaratoye itegeko guhera mu ntango z’ukwezi kwa Nzero, iryo tegeko rikaba rihana abubakana basangiye ibitsina, ko bazofatirwa ibihano bidasanzwe. Iyo ngingo yaraneguwe cane n’amakungu.
Iryo tegeko ryemejwe n’abashingamateka bose bo muri Nigeria ata numwe avuyemwo, ritegekanya igihano c’imyaka 14 y’ugufungwa, hamwe n’ugufungwa imyaka 10 ku bantu berekana ku mugaragaro ko bahuza ibitsina n’abo babisangiye.

Abaharanira agateka ka zina muntu bariyamirije iryo tegeko kuko rishobora kugira ingaruka mbi, na cane cane ku magara y’abanyagihugu kuko rizotuma abahuza ibitsina babisangiye bazotinya kurondera amakuru ajanye n’ikiza ruhonyanganda Sida, hamwe no kwivuza nk’uko bibanadanya bivugwa na Pillay wo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Itegeko ryiyamiriza abahuza ibitsina babisangiye mu gihugu ca Nigeria ryashizweho inyuma gato y’iryo tegeko nyene ryaheruka gutorwa mu gihugu ca Ouganda, umukuru w’igihugu ca Amerika Barack Obama akaba yarateye ivyatsi iryo tegeko.

Ku vyerekeye iryo tegeko, umushikiranganji w’ubutungane yamenyesheje ko bategerezwa kugumana imico yabo, kuko no mu cigwa bakoze mu mwaka w’2013 basanze abanyagihugu 92 kw’ijana biyamiriza uguhuza ibitsina ku babisangiye.


Floxella Karire

Messages

  • Bwira uyo muntu Pillay ati wewe wararemye, ati mbe ntufise so na nyoko, mbe nta mugabo nta basaza bawe na benewanyu. Ati ivyo vyakoretse so aryamanye na sowanyu canke nyoko aryamanye na nyokwanyu? Ati Afrika y’Epfo nimba yahisemwo ibi, ushaka ko twese duca tuvyemera, mukwegera abantu mubikorwa vy’imbwa.

  • Abo bazungu ivyo nivyo babona ko aruguhonyanga agateka kazina muntu mugihe badusukamwo ibirwanisho vyokutumara,haruguhonyanga agateka kazina muntu birutivyo?Ayo Mashetani babona ko ahohoterwa barayatore bayatware iwabo nkuko batwaye abantu bose bahohoterwa ninambara ziba mur,Afrika zitewe nabo.

  • Africa itegerezwa kwerekanako ata muvumo ikeneye ku butaka bwayo Soma Abalewi 18:22 handitswe hati:«Ntihaze hagire umugabo yenda uwundi mugabo bwa mugore:Ni ikizira»

  • Imivumo dufise irakwiye ntakongeramwo iyindi ntabare. Ariko dites moi franchement, abagabo 2 bakora ivyo bintu gute? Barumva plaisir atakubesha? Vyose ni psychologique, umuntu avyikuyemwo birahera. bashaka kumanuza Imana yaremye ibitsina 2 mâle et femelle. Ubwo mwibaza ko yihenze ga? Pas du tout

  • Sha Hakiza Imbwa urazibesheye ntizikora biriya. Robert Mugabe niwe yakuriye inkoni ku gushitsi umwe mu ba President atwara igihugu ca rutura. Yavuze ati: "President ...... namba ashaka ko nsinya itegeko riha uburenganzira abantu bahuje ibitsina kwabirana arabanza aze nawe ndamurongore ambere umufasha wanje". Abo bazungu nibareke kwama batuzanira uburozi muri Afurika yacu.

  • Ahubwo babice!!Nibaabazungu barataye imico nibubahe Imico yacu dukunda y’abanyafrica!!Iyo nayo batwubahirize natwe!!

  • ahubwo nukuza turabaturira ayo madayimoni.

  • Isi yaraheze aho abantu bibagirako Imana ikitangura kurema ,yaremye isi irema nibiyibako .N ubwo Irema adaam na eva .none bantu muri kuri iyi si ivyo bitsina bisa dukoresheje technique byimariye iki?.isi yararangiye aho abantu bafonda ibitashoboka .abasenga musenge kuko uyu numuvumo .Hagowe umuvyeiyi yibarutse , kuko utamenya ico uvyaye azovamwo dukomeze gusenga shetani koko irabaho muga ntisumba uwayiremye

  • Mbwirira abajejwe gushiraho amategeko bagire nka nigeria, tuzitire tutaronerwa.urwaruka rwacu rwobikorokeramwo twoba duhonye.erega iryo ni ihonyabantu!Wumva bazosubira kurondoka ni ukw imana yabitegekanije ?

  • Ahubwo abo bantu bakwiye kwicwa, kuko ivyo bintu ntibibaho, "none nk’abakobwa bogira umubonano mpuza bitsina gute? ari aba kobwa gusa?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.