Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Afrika igiye gutezwa imbere mu buhinga bw’inyabwonko
Afrika igiye gutezwa imbere mu buhinga bw’inyabwonko
jeudi 20 Ruheshi 2013
Umugambi mushasha w’ubuhinga bw’inyabwonko witwa Google, uriko urahinyanyurwa ku buryo uwo mugambi uzofasha mu kugabanya ukwikwega kw’ubuhinga ngurukanabumenyi cane cane mu bihugu, ubuhinga bw’ingurukanabumenyi butaragwira, nko muri Afrika.
Umuntu umwe kuri batatu niwe afise ubuhinga bunyaruka, butikwegura mu nyabwonko, hakaba hakiri impinga ndende kugira ico kibazo gitorerwe umuti muri iyi myaka muri ico gisata c’inyabwonko. Ubuhinga ngurukanabumenyi mu bihugu bitaratera imbere vyo muri Afrika, bageze ku bice cumi na bitandatu kw’ijana (16%) nk’uko bivurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ugutumanako amakuru, iryo shirahamwe rikavuga ko abakoresha ubuhinga bwo gutumanako mu buhinga bw’inyabwonko ari imiriyoni 140, akaba ari igitigiri gito cane ugereranije n’abantu baba muri Afrika yose.
Uwo mugambi mushasha wa google ngo ni umugambi mwiza cane n’aho ari umugambi bashira muri kazoza. Nk’uko bimenyeshwa n’umwe mu bayobozi b’ubuhinga ngurukanabumenyi bwitwa Google ariwe Richard Devaul, avuga ko ubwo buhinga bushasha bushimikiye ku bushakashatsi buhanitse, ariko akavuga kandi ko muri iyi yinga nyene, bashoboye gutora ubundi buhinga bushobora gutuma ubuhinga bwo gutumatumanako mu buhinga ngurukana bumenyi bunyaruka cane, ubwo buhinga akavuga ko bwakorewe mu gihugu ca Nouvelle Zélande.
Abandanya avuga ko bakorana n’abandi bo mu buhinga bw’inyabwonko. Inyuma y’ugutora ubwo buhinga bushasha bw’inyabwonko mu gihugu ca Nouvelle Zélande , baripfuza guca batanguza uwo mugambi mu bihugu vya Afrika y’Epfo, Ubushinwa, Chili, Urugway na Australie. Amenyesha ko muri uyo mugambi uburyo bukenewe buriko burategekanywa, nk’uko bivurwa na Devaul. Avuga kandi ko ubuhinga bw’inyabwonko bumwe bumwe bwakunzwe cane nka you tube, Google App, ndetse ubwo buhinga bukaba bwatumye igitigiri c’abakoresha inyabwonko kirwira.
Aristide Nizigire