Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo : 11 mu bagirizwa kwica abanyamahamga bahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : 11 mu bagirizwa kwica abanyamahamga bahagaritswe

Afrika y’Epfo : 11 mu bagirizwa kwica abanyamahamga bahagaritswe

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Abasore 11 bafise hagati y’imyaka 24 na 29 nibo bariko barabazwa ku bwicanyi buheruka kugirirwa abanyamahanga bo muri Afrika y’Epfo.

Abo bantu rero bakaba bafashwe kuri uyu wa gatatu, mu gatondo i Johannesburg, igiporisi kikaba cariko kirondera abakoze amarorerwa yo kwica abantu, babanyamahanga. Ubwicanyi rero buherutse gukorerwa abanyamahanga, bukaba bushobora gutuma ico gihugu ca Afrika y’Epfo kibonwa nabi, mu gihe no mu mwaka w’2008 hari abandi bari bishwe bagera kuri 62, ivyashitse ubu rero, bigashobora gutuma Afrika y’Epfo yagirizwa ko yareze amaboko mu gukingira abanyagihugu, nk’uko vyandikwa na Jeuneafrique.

Umukuru w’igihgu ca Afrika y’Epfo rero akaba yoba yamenyesheje ko azobonana n’abaserukira impunzi hamwe n’abasaba ubuhungiro, mu gihe hari imyiyerekano yatumweko n’amashirahamwe muri ico gihugu, kugira biyamirize ubwo bwicanyi. Tukabibutsako ubwicanyi bw’abanyamahanga, bwatanguye, inyuma y’aho umwami w’ubwoko bw’abazulu, ahamagariye abanyagihugu kwirukana abanyamahanga. Amasanamu ateye ubwoba akaba yaraciye ku mihora itandukanye, ayo nayo akaba yerekana ingene abanyamahanga bagiye bicwa urw’agashinyaguro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.