Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo : Abashingamateka bagabishije kwitaba ibikorwa bari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Abashingamateka bagabishije kwitaba ibikorwa bari (...)

Afrika y’Epfo : Abashingamateka bagabishije kwitaba ibikorwa bari gusa

mercredi 28 Nzero 2015

Abashingamateka bo mu gihugu ca Afrika y’Epfo baragabisha ko buca bashikira mu myiyerekano idasanzwe, ni basubira mu bikorwa vyabo.

Muri ivyo bikorwa bitegekanijwe mu ndwi zibiri inyuma y’akaruhuko, abashingamateka bo mu mugambwe utavuga rumwe na Reta EFF, bavuga ko bashobora kuzitaba ibikorwa vy’inama nshingamateka bari gusa, mu kugaragaza umubabaro wabo, aho bankiwe kuzotonda bambaye impuzu zitukura, zisanzwe zambara abakozi basanzwe. Abo bashingamateka barimwo abagore hamwe n’abagabo bagera kuri 25, barongowe na Julius Malema, bakavuga ko bazambara izo mpuzu vyanke bikunde, bankiwe bakazotonda bari gusa. Abo bashingamateka bakaba baranasavye ndetse n’abo mu ntara kwambara izo mpuzu, kugira babashigikire.

Richard Mdakane asanzwe ari mu murwi ujejwe kwiga ibibazo vy’inyambaro aho mu nama nshingamateka, akavuga ko bariko bararabira hamwe uko izo nyambaro zosubirwamwo, mugusoneranira. Abo bashingamateka rero bashaka kwambara izo mpuzu, zikaba zambarwa ahanini n’abantu babayeho mu buzima bubi aho muri Afrika y’Epfo, abakozi batobato, aho abo bashingamateka bavuga ko bagomba kwifatikanya n’abo muri ubwo buzima babayemwo, kuko abo bantu basa n’abibagiwe.

Bavuga ko abo banyagihugu nyene batobato aribo babatoye, ari naco gituma uko bigenda kwose bategerezwa kubarwa inyuma mu gihe ubuzima bwabo butohabwa agaciro. Umugambwe uri ku butegetsi ANC ukabona ko ari imyiyamamazo ya poritike.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyo nivyo twita Democracy. Aho umuntu yishira akizana atagutotezwa kurimwo.

  • Impuzu zose bokwambara ntaco zoba zitwaye,ariko nibambara ubusa bazoba babaye abasazi,nako ntanizina boronka kuko n’umusazi afise benewo bagerageza kuja baramwambika.Biraoneka ko bafise iyindi ntumbero ariko ntibavuge ko ari ugushigikira bakene kuko nabo bakene ntibagenda gusa bararondera utwo bapfukisha kubice bimwe bimwe vy’imibiri yabo.iyumvire nawe kumva ngo umushingamateka yitavye inama yambaye amenya.reka tuzarabe ingene abo bagore bazobitwarira hejuru,abaabo nabo zigenda zirenena imbere yabo.

  • Uyo MALEMA mwumva numugumutsi agendera mumodoka izivye ko atayikurisha afashe abo bamutoye hama agende namaguru nkabo bakenye asa na Peter yamanze abiwe abashwiragiza!!!

  • bitangaje se kwambarubusa niyo mico yabo aba -ZULU nubu bagenda gusa

  • Nukuri Ivyuburundi Biragoy Jew Ndabona Turagowe Ne Ko Batagomba Kurekurigihugu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.