Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Amatohoza kuri umwe mu buzukuru ba Nelson Mandela
Afrika y’epfo : Amatohoza kuri umwe mu buzukuru ba Nelson Mandela
mercredi 9 Gitugutu 2013
Igipolisi ca Afrika y’epfo cuguruye amatohoza kuri umwe mu buzukuru ba Nelson Mandela, uwo nawe akaba yagirizwa kuba yarashize umunwa w’inkoho ku mudereva igihe bariko barashwana hagati ku murongo muremure w’imiduga bimwe twita embouteillage i Mathatha. Ivyo vyamenyeshejwe n’igipolisi ku munsi w’ejo kuwa kabiri.
Mandla mandela, umushingamateka wo mu mugambwe ANC uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo yagirizwa kuba yarahatswe kugandagura umudereva w’imodoka igihe bariko babandanye mw’ibarabara kubera imiduga yari myinshi cane ku mpamvu y’uko hari hahejeje kuba isanganya, nk’uko bivugwa na Mzukisi Fatyela, umuvugizi w’igipolisi ca Afrika y’epfo. Mu gihe rero bari mw’ibarabara, uwo mwuzukuru wa Mandela yaciye aja kurondera inkoho mu muduga aca atera ubwoba uwo mugabo wundi.
Uwo bafatiyeko inkoho yaciye aja kwitwarira uwo mwuzukuru wa mandela ‘’nta ruhusha na ruto umuntu afise rwo kurabishako inkoho umuntu, kuko ni ikirwanisho cica.", ivyo bikabandanya bivugwa na Mzukisi Fyatela.
Mwomenya ko uwo mwuzukuru amaze igihe ari mu binyamakuru muri Afrika y’epfo kuva sekuru Mandela yinjira ibitaro. Irya mbere yagirizwa kuba yashatse kwunguruza imva z’abana ba Mandela igihe yari ku musego kuva igenekerezo rya 8 Ruheshi gushika igenekerezo rya 1 Nyakanga, arrwaye indwara y’amahaha, ubu akaba avurirwa muhira iwe i Johannesbourg .
Floxella Karire