Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Jacob Zuma yinjiye ibitaro
Afrika y’epfo : Jacob Zuma yinjiye ibitaro
dimanche 8 Ruheshi 2014
Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma yinjijwe ibitaro kuri uwu wa gatandatu, bivuye ku buruhe burenze urugero yagize, nk’uko bivugwa n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo.
Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko Jacob Zuma ari mu bitaro kuva kuri uwu wa gatandatu, ariko abaganga bajejwe gukurikirana amagara yiwe bakaba batanze icizere ko ubuzima bwiwe bwifashe neza, kiretse ikibazo c’uburuhe burenze urugero yagize, bica bituma bamwandikira ibitaro, kugira afata umwanya w’akaruhuko.
- Jacob Zuma
Amakuru atangwa n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo amenyesha ko ubwo buruhe bw’umukuru w’igihugu Jacob Zuma bwavuye ku mwanya w’amatora igihugu caherukamwo, mbere ayo matora akaba yereye umugambwe ANC wa Jacob Zuma, uyatsinda ku majwi 62 kw’ijana.
Mwokwibuka ko umukuru w’igihugu Jacob Zuma yinjiye ibitaro mu gihe yaheruka kurahira kandi mu mabanga y’umukuru w’igihugu, inyuma y’iyo ntsinzi y’umugambwe ANC asanzwe akomokamwo.
Egide Nduwimana
Messages
8 Ruheshi 2014, 18:37, par Mama
Urakira nyakwubahwa perezida wa SAfrica J Zuma, Imana irikumwe nawe ubwoburuhe burahera as soon as possible, Ubuntu bw’Imana bubanenawe nigihugu ubereye president.