Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo: Umugambwe ANC niwo uza kwisonga mu matora y’abashingamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo: Umugambwe ANC niwo uza kwisonga mu matora y’abashingamateka

Afrika y’Epfo: Umugambwe ANC niwo uza kwisonga mu matora y’abashingamateka

vendredi 9 Rusama 2014

Mu gihugu ca Afrika y’Epfo harabaye amatora y’abashingamateka kur’uyu wa gatatu. Ivyegeranyo vy’imfatakibanza bimaze gusohoka vyerekana ko umugambwe ANC uri ku butegetsi ariwo uri imbere.

Amatora y’abashingamateka yo kur’uyu wa 7 Rusama yitabwe n’abanyagihugu bagera ku miriyoni 25. Hakaba hatowe abashingamateka 400. Ivyegeranyo vy’amatora vya 75 kw’ijana y’ibiro vy’amatora vyerekana ko umugambwe ANC uza imbere ku majwi 62,3 kw’ijana.

Amajwi ya ANC yaragabanutse ugereranije nayo uwo mugambwe waronse mu 2009. Ayo nayo akaba yari 66,9 kw’ijana. Ababikurikiranira hafi bavuga ko iryo gabanuka rishobora kuba ryavuye ku bukene bwugarije abanyagihugu n’umutekano muke urangwa rimwe na rimwe mu bisagara vyaho muri Afrika y’Epfo. Ivyo bigatuma abanyagihugu batakicizera rwose ubutegetsi bwa ANC.

Nubwo biri uko, abanyagihugu bo muri ico gihugu cane cane b’abirabure bemeza ko bakiciyumvamwo uwo mugambwe kuko ariwo wabakuyeko intwaro ya karyanishamiryango (“Apartheid”), narirya ariwo mugambwe w’umuhisi Nelson Mandela, abanyafrika y’epfo benshi bakunda.

Mwomenyako, abashingamateka batowe aribo bazotora umukuru w’igihugu kuwa 21 Rusama. Kandi umukuru w’igihugu ahari ubu, Jacob Zuma akaba afise amahirwe yo gutorwa muri ico kibanza.Ayo matora akaba ari aya mbere abaye inyuma y’urupfu rwa Nelson Mandela, umukuru w’igihugu wa mbere w’umurabure. Uno nawe akaba ari mu bashinze uwo mugambwe kandi akanakuraho intwaro karyanishamiryango.


SIMBARAKIYE Isabelle

Messages

  • Iyoni nkurunziza kurijewe nifatanije nabanyagihugu ba South Africa mwicogikorwa cizabakoze cogutora ANC Barerekanye kobakiyikeneye cane, Nomuburundi turavyiteguriye nikobuca bimera ibimenyetso nivyishi bitwereka icocizere.

  • Mama, wanguha ivyo nivyo wewe wibaza, ariko abandi sikobabibona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.