Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo: Umugera wa Sida mu bana b’abakobwa biga
Afrika y’epfo: Umugera wa Sida mu bana b’abakobwa biga
vendredi 15 Ntwarante 2013
Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Afrika y’epfo avuga ko abana b’abakobwa biga bagera kuri mirongo itatu kw’ijana banduye umugera wa Sida.
Abana b’abahungu bo, ngo bagera ku bice bine kw’ijana gusa kuko abagabo bakuze aribo batera iyo ndwara abana b’abakobwa.
Umushikiranganji Aaron Motsoaledi yamenyesheje y’uko ivyo vyerekana ko, abana b’abakobwa, badakorana imibonano mpuzabitsina n’abandi bana b’abahungu bangana, avuga ko ahubwo ari abagabo bakuze babasambanya.
Abanyafrika y’epfo bagera ku miliyoni zitanu, ni ukuvuga icumi kw’ijana vy’abanyafrika y’epfo bose, nibo bagendana umugera wa Sida.
Afrika y’epfo nico gihugu ca mbere kw’isi, cakoresheje umugambi wo gutanga ibinini bipfupfahaza iyo ndwara (ARV), kuva aho Prezida Jacob Zuma ashyiriyeho Motsoaledi kuba umushikiranganji w’amagara y’abantu mu myaka ine iheze.
Jean Michel Ndayikengurutse