Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Umunyamahanga agira gatandatu yishwe
Afrika y’epfo : Umunyamahanga agira gatandatu yishwe
samedi 18 Ndamukiza 2015, par
Igiporisi ca Afrika y’epfo camenyesheje ko hari uwundi munyamahanga agira gatandatu yishwe, kuri uno wa gatanu.
Uwo yishwe akaba atawuramenya amamuko yiwe, akaba yishwe atewe n’akagwi k’abantu ku rugo iwe ruri mu ntara ya KwaZulu –Natal. Muri iyo ntara igiporisi kikaba caramaze guhagarika abantu 112 biturutse kuri iyo mishamirano hagati y’igiporisi, abanyamahanga hamwe n’abanyagihugu basanzwe baba muri ako karere.
Kuri uno wa gatanu, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Afrika y’epfo n’ayandi makungu hamwe no gushigikirana Nkoana-Mashabane yaciye ahura n’abasanzwe baserukira ibihugu vyabo aho muri Afrika y’epfo, bakaba bahuriye i Pretoria, abemerera ko agiye gukora ibishoboka vyose kugira ubwo bwicanyi buhagarare.
Tubibutse ko aho muri Afrika y’epfo, abanyamahanga bicwa bunyamaswa n’imipanga, amahiri. Ivyo rero bikaba bishitse inyuma yaho, umwami w’abazoulou Goodwill Zwelithini, avugiye ko abanyamahanga babwirizwa kwomorwa. Kuva ico gihe abanyamahanga bagera ku gihumbi b’abanyafrika bakaba baciye bata izabo barahunga, bamwe baja gusaba indaro mu giporisi, abandi biyugaraniye mu mazu yabo.
Floxella Karire
Messages
18 Ndamukiza 2015, 14:08, par mahoro
Pole sana benewacu musenge Imana izobarokora
18 Ndamukiza 2015, 14:24, par sylv
Ubwicanyi nkubwo ntawutobutera ivyatsi.None bibaza ko ata munya Africa y’epho ari mukindi gihugu nkinyambukira?Ubugizi bwanabi nk’ubwo ntahobwaribwakabponeke!
18 Ndamukiza 2015, 18:54, par Bigirindavyi Emmanuel
Urukundo mubantu gwarabuze. Turabanyafrika dufise nurukoba rumwe ariko satani yaduciyemwo ibice.urukundo gwaratinvye.
18 Ndamukiza 2015, 19:21, par H.VIANNAY
KUBERIKI LETA IVYOVYOSE BIBA IREBA NOHANUR AMAKUNGU KUBIKWIRIKIRANIRA HAFA
18 Ndamukiza 2015, 21:06, par oswald
noneho bagira batumare mbe none abobazuru nabantu cank nabantu bameze nkibikoko kuberiki bicana ntamutima wubuntu bafise wokumvako bogirira ikigogwe abo banyamahanga nkuko boba bakigiriye abazuru nkabo
18 Ndamukiza 2015, 22:31, par Amédé
Quand je pense que toute l’Afrique avait soutenu ces sauvages contre l’apartheid, je suis estomaqué.
19 Ndamukiza 2015, 06:59, par Nduwamungu
vyukuri afrika ikwiy gusengegwa.
19 Ndamukiza 2015, 07:14, par Nduwamungu
yooo!nukuri Imana Ibafashe Bihere,ariko Abasenga dushishikare kuko nibimenyetso vyivyo yesu avye.
19 Ndamukiza 2015, 08:03, par pierre niyonsenga
uyo mwami nawe nakurikiranweha icaha kuko niwe ntandaro y’ipfu za bene wacu
19 Ndamukiza 2015, 19:20, par NSENGIYUMVA Adrien
Ivyo bintu bagira ntibibaho.uwishe nawe nyene azicwa bitebe bitebuke!
19 Ndamukiza 2015, 19:50
Afrika We Ukwiye Gusengerwa!
19 Ndamukiza 2015, 20:38, par jeremie mugisha
je mbona bobareka bakiberaho amahoro kuka ataco babatwara
20 Ndamukiza 2015, 18:57, par petric james
Nijewe vokas nicara muri afrika y,epfo turabayeho nabi iyaba ari vyashoboka mwari kwirukana abasawuza frika bari ngaho iwacu kuko natwebwe bariko baratwirukana bongera batwica turi muntamba ikomeye mudusengere.
21 Ndamukiza 2015, 08:13, par vianney
Ahubwo retayuburundi nikureyo abantu bacu mana dufashe