Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo yarushijwe mu rubanza rw’umukuru w’igihugu Bashir
Afrika y’Epfo yarushijwe mu rubanza rw’umukuru w’igihugu Bashir
mercredi 16 Ntwarante 2016, par
Reta ya Afrika y’Epfo yatsinzwe urubanza yitwariwemwo n’Imiryango iharanira agateka ka zina muntu, yagirizwa ko yananiwe gukurikiza amategeko kugira hatabwe muri yompi umukuru w’igihugu wa Sudani Omar al-Bashir, igihe yari yitavye inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika yabereye mu gisagara ca Johannesburg, mu kwezi kwa gatandatu umwaka w’2015.
Sentare nkuru yari yamenyesheje ko Reta ya Afrika y’epfo yari kuba yafashe umukuru w’igihugu wa Sudani Omar al-Bashir, igihe yari muri iyo nama, ariko iyo Reta ikaba yasiguriye sentare ko Bashir yari afise ubudahangarwa nk’Umukuru w’Igihugu.
- umukuru w’igihugu wa Sudani Omar al-Bashir
Inyuma y’ukwanka guta muri yompi Bashir, bimwe mu bihugu vya Afrika vyarashimye iyo ngingo, ndetse vyongera gushimangira umugambi wavyo wo kwivana mu masezerano ashiraho sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kuko iyo sentare yagirizwa ko ibangamira gusa abayobozi ba Afrika.
Reta ya Afrika y’Epfo yabwiwe ko ikwiye kwubahiriza amategeko, aho gukingira ikibaba abakurikiranyako ivyaha vy’intambara.
Umukuru w’igihugu Omar Bashir w’imyaka 72 aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, akagirizwa ivyaha vyo mu ntambara, ubwicanyi ndengerabutungane hamwe n’ihonyabwoko.
Imitahe y’ukuhagarika umukuru w’igihugu Omar Bashir yasohotse kuva mu kwezi kwa Ntwarante 2009.
IGIHE
Messages
16 Ntwarante 2016, 19:27, par Intagoheka
Africa Yepfo Narabashimiye Bivuye Kumutima Kubona Mutamufashe Bashire Kuko Abo Bazungu Bagomba Kudufata Nkabacangero Babo Mwarakoze Imanibahezagire Nimukomere Nkinkona
21 Ntwarante 2016, 20:10, par mpitarusuma
ahubwovyarahaye kuba batatsindiy iman,ishimwe!!