Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo yarushijwe mu rubanza rw’umukuru w’igihugu Bashir - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo yarushijwe mu rubanza rw’umukuru w’igihugu Bashir

Afrika y’Epfo yarushijwe mu rubanza rw’umukuru w’igihugu Bashir

mercredi 16 Ntwarante 2016, par egide

Reta ya Afrika y’Epfo yatsinzwe urubanza yitwariwemwo n’Imiryango iharanira agateka ka zina muntu, yagirizwa ko yananiwe gukurikiza amategeko kugira hatabwe muri yompi umukuru w’igihugu wa Sudani Omar al-Bashir, igihe yari yitavye inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika yabereye mu gisagara ca Johannesburg, mu kwezi kwa gatandatu umwaka w’2015.

Sentare nkuru yari yamenyesheje ko Reta ya Afrika y’epfo yari kuba yafashe umukuru w’igihugu wa Sudani Omar al-Bashir, igihe yari muri iyo nama, ariko iyo Reta ikaba yasiguriye sentare ko Bashir yari afise ubudahangarwa nk’Umukuru w’Igihugu.

JPEG - 242.7 ko
umukuru w’igihugu wa Sudani Omar al-Bashir

Inyuma y’ukwanka guta muri yompi Bashir, bimwe mu bihugu vya Afrika vyarashimye iyo ngingo, ndetse vyongera gushimangira umugambi wavyo wo kwivana mu masezerano ashiraho sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kuko iyo sentare yagirizwa ko ibangamira gusa abayobozi ba Afrika.

Reta ya Afrika y’Epfo yabwiwe ko ikwiye kwubahiriza amategeko, aho gukingira ikibaba abakurikiranyako ivyaha vy’intambara.

Umukuru w’igihugu Omar Bashir w’imyaka 72 aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, akagirizwa ivyaha vyo mu ntambara, ubwicanyi ndengerabutungane hamwe n’ihonyabwoko.
Imitahe y’ukuhagarika umukuru w’igihugu Omar Bashir yasohotse kuva mu kwezi kwa Ntwarante 2009.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.