IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Afrika yo hagati irabangamiwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu

Afrika yo hagati irabangamiwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu

mardi 19 Munyonyo 2013

Abahinga n’abandi bakurikirana igisata c’agateka zina muntu bahuriye mu Burundi mu nama yatanguye kuri uwu wa kabiri. Iyo nama ni iyo kurabira hamwe uko agateka zina muntu kifashe muri Afrika yo hagati no mu karere k’ibiyaga binini, n’icokorwa mu ntumbero yo gukinga amatati.

Iyo nama izomara iminsi ibiri yuguruwe icese n’umushikiranganji Clotilde Niragira ajejwe ugufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira. Mw’ijambo ryiwe, Clotilde Niragira yashimiye amashirahamwe mpuzamakungu akurikirana ibijanye n’agateka ka zina muntu kubona yashimye ko iyo nama y’akarere itunganirizwa mu Burundi, ikimenyetso ko bipfuza ko agateka ka zina muntu kokwubahirizwa ku rugero rushimishije mu Burundi. Yamenyesheje ko ibikunda kubangamira agateka ka zina muntu ari amatati y’amatongo aturutse kw’irwirirana ry’abantu, hamwe n’itituka ry’isi.

Intumwa idasanzwe mu Burundi y’umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Parfait Onanga Anyanga yibukije ibikorwa mw’ihohoterwa rya kiremwa muntu nk’urudandazwa rw’abantu, ugukoresha abantu mu bikorwa bifitiye inyungu bamwe, ariko bigahungabanya agateka k’abandi.

Abahinga bavuye mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika y’ubuseruko bazoshiriza ivyokorwa, icegeranyo navyo bice bishirizwa ama Reta kugira mu nteguro y’ibikorwa vyayo ashire mu ngiro ibizoba vyashikirijwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.