Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
AFRITEXTILE : Abakozi 775 barungitswe muhira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > AFRITEXTILE : Abakozi 775 barungitswe muhira

AFRITEXTILE : Abakozi 775 barungitswe muhira

jeudi 6 Munyonyo 2014

Ibice bigera kuri 60 vy’abakozi b’ishirahamwe Afritextile ryahoze ryitwa COTEBU bararungitswe muhira. Insiguro zitangwa n’ubuyobozi bw’iryo shirahamwe ntizihurizwako n’abakozi, kuko ku bwabo babonamwo igipfungu.

Biragoye kumenya neza gushika ubu ikibazo kiri mu buyobozi bw’ishirahamwe Afritextile ryahoze ryitwa COTEBU. Abakozi baharurwa ku 775 b’iryo shirahamwe barungitswe muhira, mu buyobozi bagasigura ko hari ikibazo c’ipampa badafise, kandi iriryo ahanini bakoresha muri iryo shirahamwe. Mohamed Firoz, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Afritextile yizeza abo bakozi ko batirukanywe, kuko ico kibazo c’ipampa ryabuze nibagitorera inyishu, bazoca bagarukanwa ku kazi.

Iyo nsiguro y’umuyobozi mukuru wa Afritextile ntihurizwako n’abakozi, ahubwo bakabona ko ikibazo corondererwa ahandi, cane cane ku kibazo c’ibikoresho bitarasubirizwa kuva iryo shirahamwe ritanguye gukora kw’izina rya Afritextile.
Amakuru atangwa na bamwe mu bakozi amenyesha ko Reta yoba yabwirije ishirahamwe CORGERCO ko ryoduza igiciro c’ipampa, ku mvo z’uko yoca itwara amafaranga arengako. Mu buyobozi bwa Afritextile ntibahakana ko hari ukutumvikana ku giciro c’iryo pampa, ariko bakamenyesha ko batanguye ibiganiro kugira bumvikane ingene iryo pampa ryoza riragurwa ku giciro mpuzamakungu.

Mu buyobozi bw’ishirahamwe COGERCO bamirira kure ivyo bivugwa ko Reta yoba yababwirije kuduza igiciro c’ipampa. Petero Karaveri Nahimana, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe COGERCO asigura ko igiciro c’ipampa gihindagurika ku mwaka ku mwaka, akamenyesha ko batanguye ibiganiro na Afritextile kugira bumvikane amafaranga bogishirako muri uwu mwaka."


Egide Nduwimana

Messages

  • Nimureke kubamuhenda abarundi. Amakuru yokwizera nuko reta yatse amafranga iryoshirahamwe yamatora. Nkakurya yabigize mumashirahamwe ya reta canke kurya yabigize kwa Dewarundo,hanyuma badebereza duke nabo baragutse hanyuma baca bategeka ishirahamwe ryi pampa kuyakuramwo kunguvu.ibintunukobimeze muerergwa,

  • Nimureke kubamuhenda abarundi. Amakuru yokwizera nuko reta yatse amafranga iryoshirahamwe yamatora. Nkakurya yabigize mumashirahamwe ya reta canke kurya yabigize kwa Dewarundo,hanyuma badebereza duke nabo baragutse hanyuma baca bategeka ishirahamwe ryi pampa kuyakuramwo kunguvu.ibintunukobimeze muerergwa,

  • None iryo hindagurika ry’ibiciro, ntirishobora kumanura ibiciro!

  • Basha Aba DD bazosiga IGIHUGU BACOGEJE ????NTIBOTUVAKO!!!!!!!!!!!!!!!

  • Sha CNDD FDD ntizorekagutsinda kuko murayamamazaca kukontakintunakimwe muvuga mutabanjekuyamamaza! Raba polisi ngoni DD igisoda ngoni DD umu FNL avuzeko hariho ivyizabitaribike bimazegukorwa acayitwa DD abananiranwekubana mumihambwe yabo habahabonetsemwo aba DD, mucameke mumihambweyose yamanyaguritse abamamaza DD bavugako habaharimwo umurwi wegamiye kuri DD none mubonankatwebwe abarindi mutabanuriko muratibwira igijabgange dukwiye kuzotora icarico? Murinomisi harihimwana wamwenewacu yakwijije imyaka 18 sewiwe ngoyamubajije ngombega kukwije imyaka yokujamumatora uramazekumenya umugambwe uzotora? Ngoyaciyeyishurango umugambwe witwa CNDD FDD niwonzotora ngokuko nkunzekwumva ariwobavuga mubintunkavyose, seyaramubajije ngobande? Ngobamwebavugirangahakwiradiyo ntiwamawumvabavugako nigi polisi nigisoda bikorera CNDD FDD ngonone woreka gushigokira abajejwe umutekano wigihugu? Murabamwumvamwebwe ikibayecose mucamuvuga ngoni DD mubamuriko murayamamaza mubana bariko barakura.

  • Kigugune bashamwagihawe nimana ariko munyuma muzoshirumunywera nka Amunoni mwene Dawid

  • UBURUNDI BUKENEYE IMVUGAKURI NKA NAHIMANA (DG WA COGERCO)KANDI ARI MU KIBIRI KUKO YEREKANYE KO HARIHO ABIVUGIRA YAMUHE KUGIRA BACAFUZE LETA Y’UBURUNDI.KOMERA CLAVER

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.