Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo : Ikibazo ca Jacob Zuma cashitse mu nama nshingamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Ikibazo ca Jacob Zuma cashitse mu nama nshingamateka

Afrika y’Epfo : Ikibazo ca Jacob Zuma cashitse mu nama nshingamateka

lundi 4 Ndamukiza 2016, par Jean De Dieu

Inama nshingamateka y’igihugu ca Afrika y’epfo izoca irya n’ino ku musi wa kabiri ibirego vyatanzwe n’abatavuga rumwe na Reta, birega Umukuru w’igihugu Jacob Zuma guca kubiri n’ibwirizwa nshingiro.

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro muri Afrika y’Epfo mu ndwi iheze yamenyesheje ko Zuma atubahirije kandi atakingiye ibwirizwa shingiro mu kunanirwa gusubiza amafaranga ya Reta yakoresheje mu bikorwa vyo gusanura inyubakwa yiwe.

Amafaranga arenga imiriyoni 20 z’amadorare niyo yagirizwa ko yakoresheje ayakuye mu mafaranga ya Reta.

Ibiro bijejwe kurwanya ibiturire vya Reta vyasavye Zuma gusubiza amahera yakoresheje mu gusanura inyubakwa yiwe.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, mu ndwi iheze, Zuma yatangaje ko atigeze aca kubiri n’ibwirizwa nshingiro.

Abakurikiranira ibintu hafi mur’ico gihugu bamenyesha ko mugihe umugambwe uri ku butegetsi ANC ari nawo mugambwe wa Zuma wiganziye inama nshingamateka bishobora gutuma utwigoro two gukurikirana Zuma ataco tuvamwo.


IGIHE

Messages

  • Akari mumpene niko Kari no muntama. Gusahura ubutunzi bwabanyagihugu muri Africa babigize ubuhizi.

  • Uwomugabo mumurabe kuko ninawe ariko arashigikira nkurunziza mukumara abarundi amuguza nibirwanisho ivyovyose turasaba banyakubahwa abashingamateka bafirika yepfo mumutubarize inyungu yobafise mwiseswa ryamaraso yabarundi mbewewe ubwiwe kwabiwe atabica ubu ntafise ivyoyagirizw none ntariko aravyishura atawe yishe none nikuberiki yoguma ashigikira nkurunziza kumara abanyagihugu biwe kandi aziko niwiwe atabigira

  • KURI BAMWEBAMWE IBITARI RWABO BIRYOSHE NK’INYAMA Y’IKINDI.IYO NI INDWARA TURWAYE TWESE UMUTI NI "UBWAMI BW’IMANA"

  • ABANYAFRICA MURACYAFISE, IBYIYUMVIRO BIGOYE KUBA ZUMA YARAVUGURUYE INYUBAKOZE NICYAHA, MUSHAKAKO UMUYOBOZI ABAMUNZU YUMWANDA,NIBAGIHECYE CYARANGIYE NATANGE UBUTEGETSI NAMWE MUYOBORE MUREKE AMATIKU ,AGOMBAKUVUGURURA IMYUBAKOZE

  • Ngo uwukize isemu yibagira icamwirukanye abanyafrika yepfo bakishinga amohe ya malema barasubira mukaga nibareke zuma yirire nabazungu barikurya ningene babangamiye agateka kabanyafrika yepfo

  • mwamuvuyeko raaa arinkanje nabarangiz mwes mukaj musi yigitaka isi ikabakandagira syiweeeee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.