Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agafixe : Terefone yo mu nzu kandi ngendanwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Agafixe : Terefone yo mu nzu kandi ngendanwa

Agafixe : Terefone yo mu nzu kandi ngendanwa

jeudi 14 Ndamukiza 2016, par Jean De Dieu

Lumitel yatanguje Agafixe, uburyo bushasha bw’ugutumatumanako mu mihana, hamwe no ku kazi. Nk’uko izina izina ribivuga, Agafixe ni terefone yo mu nzu, ishirahamwe Lumitel rikaba ryemereye abanywanyi bazokoresha Agafise ko ibiciro vy’ugutumatumanako azoba ari bito cane.

Ubwo buryo bushasha bw’ugutumatumanako bwatangujwe na Lumitel ni terefone yo mu nzu, ikaba kandi ngendanwa, ifise uburusho bwinshi, nk’akarorero akaba ari ukworoherezwa mu kuronswa iyo terefone. Umunywanyi akoresha Agafixe ntabanza gusabwa amasezerano amuhuza na Lumitel, akaba kandi atahabwa fagitire mu mpera z’ukwezi. Mu kuronswa Agafixe ntibisaba kandi ubuhinga, kuko umunywanyi yishikira mu bubiko bwa Lumitel akagura ibikenewe, mu kanya gato akaba ashobora gukoresha Agafixe mu gutumatumanako.

Akarusho nyamukuru kari mu gukoresha Agafixe ni ibiciro vy’ugutumatumanako biri ku mafaranga 36 ku munota.

Agafixe niyo terefone yo mu nzu yonyene itanga ubushobozi bw’ukurungika ubutumwa bugufi (SMS), hamwe n’ugushingura inomero z’abanywanyi. Agafixe ifise kandi bateri y’ubushobozi bw’ugukora gushika ku minsi mirongo itandatu, iyo terefone ikagira isitimu (Torche), hamwe n’iradiyo.

Agafixe ishobora gukoreshwa mu kibanza kizwi (zone spécifique), canke umunywanyi akiyunguruza, ariko aho bigasabwa ko umunywanyi yerekana aho ashaka kuyikoreshereza mu kwandika *140#


IGIHE

Messages

  • bandanya muzana iterambere kubenegihugu n’ayabansi biterambere teshwa mute

  • Muvyukuri iterambere ryaduteye namba mutabizi, erega jewe icanyeretse ko uburundi burimunzira noguterimbere kuburyo budasanzwe nukuntu Isi yose mwakinogihe yihaye kwamamaza uburundi kumusi kumusi , nkakarorero nukuntu mumezi aheze uburundi bwagirijwe koharimwo harabera genoside nkaba nubu ndindiriye umuntu wambere azokwandika icogitabo cerekana uko iyo genucide yakonzwe mumyaka ya 2015 na 2016
    Ariko jewe igitabo ntikwondandika mfatikanije nabandi cerekananeza ukuntu reta irongowe na H.E Petero Nkurunziza iriko irakorerwa genucide manze amakunyu akacasimbira kuri reta ngoreka kwicabantu ! Mugihe abicwa arabobose bashigikiye iyi reta ikigitabo nitwagisohora muzomenyavyishi kandi muzogikunda kuko kiradoma urutoki kuribamwe mubarundi , kiyongera kikadoma urutoki kukuntu Africa iriko iravyifatamwo , nukundu ibihugu vyarutura biriko biravyifatamwo, nishirahamwe ONU ukoririko riravyifatamwo, hanyuma hakabaho nabantu kugatwekabo kw’Isi yose ikigitabo kizokwerekana ivyiza canke ibibi bakoreye uburundi nabarundi canecane baringaha mugihugu.
    Nashaka kubwira abarikobarankurikirana ko ikigitabo kizosohoka mumezi mirongo 30 uharuye uhereye kuva Mukorumbone nyenicubahiro umukuru wigihugu cuburundi Petero Nkurunziza arahiriye kuba umukuru wuburundi.
    Ntihazogire uwuzotangwa kukigura kuko harimwo igice caco kindonda akahise kakera kuva uburundi bwikukira icogice kwise old testament for Burundi coco ubugisa nicaheze kwandikwa , ubutukaba twaramaze gutangura ikice twise New testament fro Burundi .
    Kugira twirindeko icogitabo cozobamwo amahinyu dufise abantubeshi bakwiye imihingo y’Isi abatonabakuze abize nabatize harimwo nabamwe mubanyamahanga twabonye batwemereye kuzabaradubwira ivyobabonye nivyobariko barabona, abobose nibodufashanya kurondera inkuru zose zishoboka.

  • We wiyita None uriko uraturuhisha umutw uko siko bandika commentaire,dit ce qu’il faut et en rapport avec la nlle technologie

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.