Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agakino “Umuco” kagiye gusubira kuboneka ku mboneshakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Agakino “Umuco” kagiye gusubira kuboneka ku mboneshakure

Agakino “Umuco” kagiye gusubira kuboneka ku mboneshakure

vendredi 4 Gitugutu 2013

Agakino “Umuco” gaca ku mbonesha kure y’igihugu c’Uburundi (RTNB) kagiye kugaruka inyuma y’iminsi yinshi kataboneka. Abakunzi bako bagiye kukabona imbere y’impera y’uku kwezi kwa Gitugutu nkuko uwurongoye ishirahamwe Rainbow Umuco abimenyesha.

Agakino “Umuco” gaca ku mboneshakure y’igihugu c’Uburundi gakunzwe cane n’abantu kagiye gusubira guca kuri iyo mboneshakure. Aho ni inyuma y’igihe kitari gito katakiba. Ku kaba nkako, nkuko tubibwirwa na Balthazar Mukenuzi ( batazira Bartso) arongoye ishirahamwe Rainbow Umuco rikina ako kareresi, ako gakino kari kahagaze kuva muri Myandagaro 2012.

JPEG - 48.2 ko
MUKENUZI Balthazar, umukuru w’ishirahamwe Rainbow Umuco

Ako gakino kayaga ibijanye n’ubuzima busanzwe abarundi babamwo. Hatangwamwo impanuro zitari zike. Nkuko tubibwirwa na Bartos arongoye ishirahamwe Rainbow Umuco rihurikiyemwo abakinyi bako gakino, bakunze gukina ibijanye n’amabi akorerwa abakenyezi, ukurwanya SIDA, uguhimiriza urwaruka n’ibindi bijanye n’imibano.

Akahise kagufi k’agakino “Umuco”

Agakino “Umuco” katanguye guca ku mboneshakure y’igihugu c’Uburundi mu mwaka 1997. Katanguwe n’umurwi witwa “Arc-en-ciel”(bisigura “umunyamazi”). Umurwi watangujwe n’uwitwa Evode Nduwimana hamwe n’witwa Thierry Ndabahagamye mu 1995. Uwo murwi niwo wahauye witwa Rainbow Umuco. Mu ntango uwo murwi wakina ivyese gusa. “Arc-en ciel” watanguye mu ntumbero yo guhuza urwaruka kugira ruhebe ibiyayura mutwe rwari rutanguye gufatamu mu gihe c’intambara yari mu Burundi mu myaka ya 90.

Ugukina udukino duca ku mboneshakure twatanguye kubera imyidogo myinshi y’abavyeyi yariturutse ku gakino ko hanze “Hélène et les garcons” kavurwa cane ko gatitura imico y’abana babo. Ntivyatevye, “Umuco” ushitse ku mbonesha kure waciye ukundwa. Uwo twaganiriye yagize ati: “ndibuka ko ku munsi w’Imana , amakuru y’ikirundi kuri RTNB ntiyahera ntarashika imbere y’imboneshakure ngo nkurikirane Umuco”. Umuco ubu ukaba uhurikiymwo abakinyi bagera kuri 50.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.