Accueil > Amakuru > Poritike > Agathon Rwasa aravunira akagohe imigambwe yose iri kumwe na CNDD-FDD muri (...)
Agathon Rwasa aravunira akagohe imigambwe yose iri kumwe na CNDD-FDD muri Leta
vendredi 23 Myandagaro 2013
Mu kiganiro n’imboneshakure Renaissance, Agathon Rwasa yishuye ku bibazo bitandukanye bivurwa cane muri politike mu Burundi, mu ntwaro ibereye, mu mibano, n’ibindi.
Ku kibazo c’ubwoko gishobora kugaruka mu matora yo mu 2015, Agathon Rwasa, yarasanzwe azwi ko ari umuhutu w’umunyamacakubiri afatiye ku bwoko, ubu aboneka nk’umuntu yahinduye ivyiyumviro. Kuri we, ikiza imbere ya vyose ni intwaro ibereye. Avuga ko ubu igikenewe mu Burundi ari inyigisho ku banyagihugu, kugira babane mu mahoro n’umutekano, aho abanyagihugu baronka uburenganzira bumwe, bakagengwa bose n’itegeko rimwe, atanyagupfa na nyagukira.
Ku bijanye n’ukwo mu runani ADC Ikibiri bazotanga uwubaserukira umwe mu matora yo mu mwaka w’2015 kandi bikaba binanurwanurwa ko ashobora kuba Agathon Rwasa wenyene, avuga ko ahubwo bitangaje kubona igihugu nk’Uburundi gifise imigambwe irenga mirongo ine. Iyo migambwe ugasanga ntishoboye n’ugutunganya ikoraniro kaminuza ngo batore inzego. Ivyo rero, bituma imigambwe nk’iyio usanga umenga n’ishirahamwe ry’umuryango canke ishirahamwe ry’abamwe mu bagenzi babo bahafi. Avuga rero ko imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri ifise uburenganzira bwo kwiyamamaza, abarongoye iyo migambwe bakaja ku rubuga guhura n’abanywanyi babo, abanywanyi babo nabo bagashobora kwitorera uwobaserukira muri ayo matora.
Nayo ibivurwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ku bijanye n’ibikorwa vy’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike hamwe n’amaradiyo, Rwasa yishura ko kugira Leta ibuze abo bose kuvuga ibitagenda neza, ari ukwo bakora ibishimisha, bakareka kunyonora amatungo ya Leta, bakubahiriza agateka ka zina muntu, n’ibindi. Agathon Rwasa akaba avunira akagohe imigambwe nka UPRONA co kimwe n’iyindi yose ifashanya na CNDD-FDD gutwara, ko batoza baritwaza ngo amakosa akorwa na CNDD-FDD ntabaraba kuko ari bake mu nzego zirongoye igihugu, canke ko amategeko amwe yatowe basohotse, avuga ko utunnenge dutorwa CNDD-FDD, dufata abo bose bari kumwe nayo muri Leta co kimwe n’ ingingo zose zifatwa. Ibikorwa vyose bamenye ko bazovyemangira hamwe, nk’uko Agathon Rwasa abandanya abivuga.
Mu kurangiza, ntiyibagiye kugira ico ashikirije kuri politike yo guca imigambwe amashami, ivyo yise politike ya Edouard Nduwimana n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Avuga ko ubutegetsi bugerageza gutwara inguvu abatavuga rumwe nayo, mu kubacanishamwo, aho usanga umugambwe umwe urimwo iyindi ya nyakuri, itari mike. Agathon Rwasa akaba kandi yaronkeyeho n’akanya ko kuvuga ku banywanyi biwe n’ubu bakiri mu mabohero atandukanye yo mu Burundi. Aho yibutsa Leta , iyo itwaye nabi, iba iriko ituma abanyagihugu bashavura,ibishobora gukwega indyane mu gihugu.
Aristide Nizigire
Messages
19 Rusama 2016, 11:09, par feed up
jewe m bona igikuru arukumvikana gusa