Accueil > Amakuru > Poritike > Agathon Rwasa yagirizwa n’abahoze ari basomambike biwe ivyaha (...)
Agathon Rwasa yagirizwa n’abahoze ari basomambike biwe ivyaha bidasanzwe
mercredi 16 Gitugutu 2013
Muri iyi minsi Agathon Rwasa acemeza ko ariwe arongoye umugambwe FNL arageramiwe n’ivyo yagirizwa na bamwe mu bahoze ari ba somambike biwe. Ivyo rero ariko aragirizwa abatari bake bakaba bemeza ko ari inzira yo kumwegezayo muri iki kiringo Uburundi buriko buregereza amatora yo mu mwaka w’2015.
Kuva Rwasa Agathon agarutse ku rubuga rwa politike, yagiye aragirizwa ibintu bikomakomeye na Yakobo Bigirimana, umunyamabanga w’umugambwe FNL usanzwe wemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Mu biganiro Yakobo Bigirimana rimwe rimwe ari kumwe n’umukuru wa FNL Miburo Emmanuel, bagiye baraha abamenyeshamakuru, yarasavye ko Agathon Rwasa yopfungwa icamaso kuko atakindi camuzanye atari ugutembagaza inzego z’igihugu abanje kuboha n’amapingu bamwe mu bategetsi, harimwo na Yakobo Bigirimana, asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa FNL urongowe na Miburo Emmanuel.
Ikindi Rwasa Agatho yagiriza Rwasa, kukaba ari ugushaka gusubiza urwaruka ku rugamba ivyo navyo, bikaba vyofasha muri ico gikorwa c’ugutembagaza ubutegetsi. Si ivyo gusa kuko yanagirijwe na sentare ibicishije ku muvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes Bangiricenge, ko ubwicanyi bwahitanye abanyamurenge mu mwaka w’2004, ariwe yobubazwa, ndetse akaja imbere y’ubutungane.
Muri iki gihe rero, ibimubangamiye kuruta ibindi akaba arico yagirizwa ko yoba afise umugambi wo kwica Yakobo Bigirimana abicishije mu kumuha uburozi, imbere y’uko haba ikoraniro kaminuza ririko rirategurwa n’uwo mugambwe, hamwe n’amafaranga menshi yoba ariko arakoreshwa kugira haze umwe mu bavukanyi b’umwongereza yagandaguriwe mu Burundi, uyo nawe akaba yagiriza umugambwe FNL ukiri Palipehutu FNL ko ariwo wagandaguye uwabo. Ubu uyo mwongereza akaba asabwa nawe kuza mu Burundi kwagiriza Agaton Rwasa.
Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya politike akaba abona ko ivyo biriko biragirizwa Rwasa agasakisaki hasigaye umwaka n’amezi kugira amatora abe, ari umugambi wo kumukura muri ayo mahiganwa.
Chérif Nkeshimana
Messages
17 Gitugutu 2013, 01:43, par dominique
Birababaje kubona uburundi womengo ntabanyepolitic bahari jewe mbona ko impamvu bamujuragiza biboneka ko boba bamutinya hama ubwobutungane bakomeza kuvuga isiypse irazi ko uburundi ntabutunhane buhari mbere yuko bacira urubanza rwasa nibabanze barucire abishe ndadaye hamwe nabishe ntaryamira ikindi mbega ko nkurunziza pierre yacirowe urwo kwicwa azomanikwa ryari ibi rero birikp bigirirwa rwasa biboneka neza naneza ko abarundi tutarahaga guhamba murakoze
17 Gitugutu 2013, 01:48, par dominique
Nibamureke niwe atahiwe gutwara Birababaje kubona uburundi womengo ntabanyepolitic bahari jewe mbona ko impamvu bamujuragiza biboneka ko boba bamutinya hama ubwobutungane bakomeza kuvuga isiypse irazi ko uburundi ntabutunhane buhari mbere yuko bacira urubanza rwasa nibabanze barucire abishe ndadaye hamwe nabishe ntaryamira ikindi mbega ko nkurunziza pierre yacirowe urwo kwicwa azomanikwa ryari ibi rero birikp bigirirwa rwasa biboneka neza naneza ko abarundi tutarahaga guhamba murakoze
17 Gitugutu 2013, 15:29, par kabuga
Mumbabarire kuvyo ngira mvuge iyonitegereje mbona cndd fdd osa naho ishaka guhindura uburundi nkaho ari akazu kayo ibi rero ntahandi bishikana atari guta igihugu mumanga rwasa nibamureke kuko jewe ndazi neza ko rwasa yarambiwe intambara ariko ntibitangaje kubona nkurunziza ubutegetsi bwiwe bugira akajagari nkaka kuko no mumakambi muritanzania cndd ntandero yigeze ibaranga. Nubu kuvyo bagira ntagishasha canke igitangaza kirimwo
20 Gitugutu 2013, 14:17, par Gerard Cazottes
Ni hamwe abarundi umenga uwaturoze atakaravye. Rwasa ni bamureke hama Nkurunziza Pierre agomba gusubira gutwara, na we nyene bamwihoze. Aho abo bahutu baguma bacafuzanya ngo Rwasa Agathon ni we akorana na Pierre Buyoya yagirizwa ko ari we cerveau moteur de l’assassinat de S.E. Melchior Ndadaye, abarundi baraye biboneye uruhara uwo Buyoya agifise mu Burundi hitwa ko hatwara CNDD-FDD. Kumva ari Buyoya Pierre qui a impose ko Busokoza Bernard aba 1er vice-president de la Republique, bigaragaza ko igihugu cacu kikiri mu minwe y’abangushi ba Democratie. Busokoza Bernard nta kintu na kimwe bataniye ko na Sinunguruza Terence, atari uko umwe ari umusirikare uyundi un civil, bose bakorera Buyoya. Turetse CNDD-FDD ya Nkurunziza, none UPRONA ya Ntakintije Charles yakoze iki? Raba kandi Bigirimana Emmanuel ngo ni we agiye gutwara FNL..!! Uwugutuka ntagutorera, izo manza z’abanyamurenge zikwiye kuvurwa n’igihugu baturuka mwo. Aba DD bakwiye kurema kuko Agathon Rwasa ataco abatwaye. Les conditions de candidature pour le poste de president de la Republique zavuzwe mu Kayanza hama zemezwa n’abarundi kimwe n’amakungu, aratomoye hama akanerekana ko Agathon Rwasa atagishoboye guhiganwa kuba President. Tant que lle dossier Ndadaye rutaraja ahabona kugire cette CVR ishirwe ahabona, twotenyenya CNDD-FDD na UPRONA babe barimar’ubute. Bishitse ko umwe yirya akara mukumviriza benegihugu hama akavavanura no gukingira ikibaba umwansi, u Burundi buzoba bwogoroye.
24 Gitugutu 2013, 00:57, par Mpawemayo augiste
Miburo nawew manuel rekatuvugeko muri muvyapolitic.arikonamw muraziko ivyomukora arubuhemu?None idiri nizabankira muzohungirah?
27 Munyonyo 2013, 13:23, par Arcade sharrif
Rwasa niwirambire muzehe umusumwe na wewe uzakiramutwa nabo bagitunyeko ntaco batanze na ba kadaf be sadam bigira ingangari barapfuye baragisiga,piter ariwe ariko atuma abarundi benshi tuguma dushwiragira ntarye aryame.
29 Nzero 2014, 17:41, par Tony Mganda
Muntunge kuri ngire nvuge ndabivuganye umubabaro,kubona abokunze igihugu,bagaharanira inyungu za benegihugu bahinduye igihugu nkic’ibare cabo.Mutama Rwasa Agathon ni Bamusubize umugambwe wiwe kuko arashoboye.nyakwubahwa ni mwihangane na Yesu umwana w’Imana kugira adugemwijuru yarababajwe,ariko ubu yicaye iburyo bw’Imana aganza mwisi no m’wijuru.UBUGABO BURIHABWA!
31 Myandagaro 2014, 21:14
Aba DD barambabaza cane!Mbega bobo ntaco bagirizwa?Nkurunziza Petero We ntaco yagirizwa?Ni kuki none biriwe baraja mw’ishamba kandi batoshobora gukosora abataye Uburundi mu kaga ?
15 Kigarama 2014, 12:00, par munezero ange
Mbega aha abarundi bose ntiboza tugahagurukira rimwe tukambaza rugira vyose ngo aduhe umu président akunda abantu bose ata bwoko? Imana yonyene niyo mu juge wukuri, Turarindiriye ibitangaza buca itwereka
16 Kigarama 2014, 11:57, par ineza marlène
ni bareke bose binjire mu matora abashaka guhiganwa aba DD bareke guterwa ubwoba na Rwasa,ayo ma dossier bavyura ubu ko batayavyuye kera? aba DD bobo ntibishe ko bobo batabahamagara?abana b buta, musenyeri Ruhuna ugira bariyishe?reka nabo nivyahinduka bazokubitwa intahe mu gahanga nkuko bariko baratoteza babndi.
19 Kigarama 2014, 15:10, par munezero inès
mukomere! aba nye politique bose nabangushi! ntanumwe akunda uburundi bose ni basumirinda! aba DD nabo ni bareke bose bipime! bareke guterwa ubwoba nabo batavuga kumwe!
3 Nzero 2015, 21:08, par Aimable kabura
JEWE nzi ko bagucaafuza izina ryawe none baagutinya kwiki jew ndibaza nyambaa hari ibindi batinya ahubwo nakamaaramaaza kuko baarihendaa nibemere ruce aaho rwociye kuko ivyo bishe baarishe
24 Nzero 2015, 18:21, par Gérard
Abishe abanyamurenge Si Rwasa ayo namarementanya ahubwo babonako yobakura indya mumatama ubwo bagerageza kurondera ico cose cotuma atitoza .Nahomba mpanure CNDD isubize agitima mpembero ireke gutoteza Rwasa kandi bamuhe icubahiro ciwe kuko nimba batinyako azobatsinda mumatora nibinj8re muri FNL nakare ngo if you can’t beat them join them.
28 Ntwarante 2015, 15:31, par sal k
mbeg ko bajugumir bibazak abarund turi ibijuju turagushigikiy mutam!:
2 Ruheshi 2018, 18:15, par NYAWUMASIRIV
NUKURIBIRABAJEKUMVARWASAYAGIRIZWAIBINTUNKIVYO