Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agaton Rwasa ashira imbere ibiganiro kuruta imyiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Agaton Rwasa ashira imbere ibiganiro kuruta imyiyerekano

Agaton Rwasa ashira imbere ibiganiro kuruta imyiyerekano

samedi 25 Ndamukiza 2015

Agaton Rwasa umukuru w’umugambwe FNL wigenga avuga ko hamwe Petero Nkurunziza yokwitoza ubugira gatatu, batazoja mu myiyerekano ahubwo bazoca batangura ibiganiro.

Mu kiganiro Abaduserukira gica kuri RPA ijwi ry’Abanyagihugu, Agaton Rwasa akaba yavuze ko mw’ikoraniro ryahuje Abagumyabanga b’umugambwe CNDD FDD ukiri umuhari, biyumvikaniye neza, ko atawuzorenza ibiringo bibiri ariko aratwara igihugu, mu gihe botsinda amatora. Rwasa rero akaba ahiwe, yasavye umukuru w’igihugu ko atorenga ivyo bumvikanye hagati mu mugambwe iwabo kubera hari akarwi k’abasirikare bafise ipete rya General bariko bamusaba kwitoza, canke mu kuja hagati mu gihugu kwigisha abahoze ku rugamba uko bokwitwara, hamwe Nkurunziza yokwitoza ubwa gatatu.

Agaton Rwasa rero avuga ko bazoca batangura ibiganiro, kuko umukuru w’igihugu w’ubu azoba arenze amategeko mu kwitoza ubugira gatatu. Agaton Rwasa asanzwe ari no mu runani rw’Abigenga amizero y’abarundi rurimwo umugambwe UPRONA ishami ry’umushingamateka Karori Nditije, akaba avuze ko atazoja mu myiyerekano hamwe umukuru w’igihugu yokwitoza ubugira gatatu, mu gihe amashirahamwe ataho yegamiye muri poritike amenyeshereje ko umukuru w’igihugu ahari uyu munsi yitoje, kuri uyu w’Imana mu gatondo, bazoba bari mw’ibrabara kumwiyamiriza, co kimwe n’imigambwe isanzwe yaratanguye urwo rugamba rwo kwanka ikiringo ca gatatu.

Abatari bake mu bakurikiranira hagufi poritike y’Uburundi, bakavuga ko hamwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yokwitoza, vyoshobora gutuma haba uruhagarara mu gihugu, n’amatora ntabe, ivyo navyo bigashobora n’ugutuma haba intwaro mfatakibanza.


IGIHE

Messages

  • AGATO AGIYE YABA UMUGOPE!! ATI JEWE NA NDITIJE TUZOJA GUSENGA NTA RWARUKA TUZOSHUHURA BAJE GUPFUNGWA. URAHANURA IZO NSORE-SORE NTIZIKORWE KUKO IGIHUGU KIRACUNZWE AMAHORO N,UMUTEKANO WAWE NA NDITIJE MUZIYAMAMAZA MU MAHORO HAMA MURINDI 2020 NAMWE MUZOCE MUSHIKIRWA WAHANUJE IMANA BASI IJWI RYO MUTIMA RYAKWIBUKIJE KO UBURUNDI IMANA YADUSEZERANIYE AMAHORO ATARAKADURUVAYO KOMERA.

  • Rwasa ntakigenda ivyiwe birayobewe ahubwo nditije namuve inyuma.vuba nabwango

  • Rwasa ntazokwigera aba umukuru w’igihugu,ubu ndabibonye.raba namwe bamutwaye umugambwe arorera,ubu azogira ibiganiro aserukira nde?Nimba hasigaye ko asega ikibanza muri leta izoza.Haraho nibaza ko ari umuvumo kubera amaraso yaseshe.Arateye ikigongwe ameze nka Tschisekedi muri congo apfanye agahinda.Mu vyukuri Rwasa niwe wenyene yohangana na Peter kandi agashobora kumutsinda mugihe ceni yosubirwamo mugabo nta vision na strategie politique yigeze agira.Mugihe hoba imyiyerekano yokura Peter nahone ntaco yohanoba kuko yavavanuye n’ikibiri na Jacques Bigirimana akaba ata mwerekwa.

  • Jambo, iyo utazi ibintu ba uhora. Rwasa yaramenyesheje amakungu icatumye we n’abiwe badashobora kuja muri manifestation. Ikibiri, Minani et les frondeurs babiteguye bamwigije inyuma ngo mugutinya mama ko ngo abanyagihugu bamubonyemwo ngo boca bamukunda gusumba. Urumva uriko ukora ibintu bishira imbere inda et non ineza y’igihugu le résultat est toujours négatif. Wibaza ko hari ikintu mu Burundi bokora Rwasa atarimwo kigashoboka?

  • Jewe Niyumvirako atamugabo Yogutegeka Ingene Ushobora Gutunganya Urugo Rwawe Kiretse Ingingo Wewe Nyenurugo Wifatiye Nkumushingantahe Murugo.Nawe Niyaba Yatinye Igitsure Cabo Ba General Nibazako Atoba Agifise Ijambo Kumugabo Murugo? Akwiye Kwiyumvira Ingaruka Mbi Zishobora Gushika Mugihe Yokwumvira Abikurikiranira Inyungu Zabo, Na Pirato Yaravuze Ati Amaraso Ya Yesu Ntayaharugweko Arakarabira Imbere Yaba General Kandi Ntaco Bamugize. Nawe Nareke Gutinya Iyamuhaye Ubutware Niyo Izomurinda Abo Atinya.

  • Birababaje cane kubona Rwasa atazi ico ashaka,iyaba azi aba FNL bishwe na DD ntiyobagujije ikibanza yizigiye ko bazomuha,Bizimana yamukurikiye yarasiguye neza amategeko yoba NKURUNZIZA arenze ,none RWASA nawe avuga ibindi mwunva kazoza kico gihugu arakahe/

  • Aho nih tubonera abakunda Igihugu nabanyagihugu kanda bakunda kuja inama ningingo rwasa aragaragaje ko akeneye ineza yabanyagihugu nigihugu vyukuri Urumushingantahe burya uk beshi bakwibaza urerekanye kwatariko uri vyukuri nacane cane wewe ivyintambara wabibayemwo igihe kunini urabizi k uwuyitanguye siwe ayiheza Nabandi nibakwigireko akarorero barek gusuka abana Bigihugu mukaga nabanyagihugu maze Ibiganiro bijimbere bose Abarundi uraberetse ko uritwari wamye ushaka ineza yigihugu vyumvikana k nabanyagihugu beshi bagiye kukwizara bakagutora kuk werekanya kubakunda kandi ugakunda nigihugu Imana nikorer nomubasigaye nabonyene bareke gukomantaza imitima habe inama ningingo.

  • Plusieurs n,ont rien compris du message de Rwasa. Il vous envoie un message codE. Il dit essentiellement ceci a ses militants: faites comme vous avez fait pour Bob: une manifestation spontanE (alors qu,elle est reellement coordonneE mais dans l,ombre). A la societe civile donc: allez-y sans detour. L,eglise catholique est avec vous, et c,est ce qui compte le plus. Rappelez-vous: Ntamwana a dit: nous n,accepterons pas d,etre des esclaves. Il ne changera pas d,avis, contrairement a certains politiciens.
    Et les medias internationaux sont sur place: Reuters, RFI, Al jazeera, etc.

  • Rwasa ni umunyabwoba naje hariya. Ashaka guhenda nde? Atinya ko boca bamufata bakamuta mu munyororo ngo yahamagaye imigumuko. Ni ahirahire avuge ko ashigikiye imyiyerekano canke ko atumiye abanywanyi biwe kwiyerekana urabe ingene bamwereka. Nico atinya ntahende abantu. Ariko ntaho arusigiye!!!!

  • Erega muribuka ko bamuhakirije umugore, ko n’ubu akimurwajije. None mushaka amute mu nzu wenyene, hama niyafungwa umugore yitwabweko na nde, ko mutazoja kumumufasha bamutwaye mu Mpimba? Ahubwo ni mwebwe bagumutsi, mushaka kumuhenda. Abanyarwanda barayamaze ngo uwutazi umurundi amurunda mu Kanyaru, abandi bakavuga ngo uwutazi umurundi amurunda mu nzu canke amunyererako. Namwe nimuje kuri ico kivi mumurungikako turabe ko harico mwomurusha kiboneka... Nkurunziza azobatwara, nta choix yindi mufise parce qu’ils sont mieux organise que vous. Mumeze nk’ubusimbira hamwe butazi ico bukora muri politique. Nkurunziza n’ubu agiye gusubira kubaha iyindi myaka 5 pour mieux vous organiser et trouver quelqu’un de votre camp qui pourrait lui succeder en 2020, mais malheureusement ntavyo muzoshobora, kuko mwese mushaka kuba aba presidents b’u Burundi kandi Igihugu gitwagwa n’umuntu umwe gusa avec bien sur son equipe.

  • Infatakibanza ibaye izotwarwa na CNDD amatora ageze dutore peter,simple as that.mwanka mwakunda

  • Ivyo lead avuze ni vyo vyo. Agathon arashigikiye kuja mw’ Ibarabara. Gusa aratinya ko bomumesa. Donc ejo aho bukera tuje kwerekana ko Peter n’ abantu batarenga icumi bifatiye umugambwe wa CNDD/Fdd badasumvya inguvu abanyagihugu.

  • Oliver,
    Numbwire ikintu nakimwe Rwasa ajejwe kuva atahutse mu Burundi jewe ko ataco mbona kandi ko nzi acunzwe kuburyo adashobora kubonana n’abayoboke biwe uko ashaka ?Nta mugambwe afise,nta kazi afise,ivyiwe birateye agahinda pe.

  • AHUBWO AGATO NACE AKENGE AREKE KWIFATANYA NABANYAMAHANGA KUKO IGIHUGU YARI AGIFISE MU NTOKE AHUBWO NIYEREKANE IMIGAMBI UMUGANI WIWE NIBAVUGANE NA PETERO MAZE BUBAKE UBURUNDI BURYA UKWARI 2 SABANA TURABIZI

  • NONE KO RWASA YIVUGIYE UBWIWE HAMWE PETER YOTANGWA NKUMUKANDIDA W’UMUGAMBWE URI KUBUTSI,ARIHO AZOCA AJAMUMYIYEREKANYO NATWE TURAMURINDIRIYE AHO BUKERA.

  • ahubwo kweri je nahora nibazo ko abarundi baciy akeng wew muntu uvug ko umukuru wighugu yitoza mbandagtutse none urahendwa siwewe .

  • je ndabonona rwasa arimwo tubiri kuk ntakunt yotana urugamb abandi kanatsind ivyas mumash n mumiger

  • nahe abandi badye areke guhendwa na bampema zuzuye.

  • MBE UWO YIYITA KO ABIZI AZI IK?KO ARI NK’IGIKOROPESHO UKOROPA HANYUMA UKAGIKANYA.BURYA YIBAZA KO RWASA ATARI UMUSHINGANTAHE?YANSE KO ABNAMA1 BIWE BAHONA NGO AHOMBE.WANKA UMUNTU CKE WANKA IBIRINGO?KO NDADAYE,HEROS BISHWE BARENZE IBIRINGO IBIH?MBE KO BATATUBWIRA NGO TUJE MW’IBRABARA?CKE NAHO INTWARO YARI IYABO?AZOGUMA ABATWARA NI KABARYE!!

  • MBE UWO YIYITA KO ABIZI AZI IK?KO ARI NK’IGIKOROPESHO UKOROPA HANYUMA UKAGIKANYA.BURYA YIBAZA KO RWASA ATARI UMUSHINGANTAHE?YANSE KO ABNAMA1 BIWE BAHONA NGO AHOMBE.WANKA UMUNTU CKE WANKA IBIRINGO?KO NDADAYE,HEROS BISHWE BARENZE IBIRINGO IBIH?MBE KO BATATUBWIRA NGO TUJE MW’IBRABARA?CKE NAHO INTWARO YARI IYABO?AZOGUMA ABATWARA NI KABARYE!!

  • turashigikiye ivyo gato rwsa avuga kandi ni myiyerekano ibandanye biyamirize izontwaro zigikenya natwe turinyuma yabo turasavy ko peter nkurunziza atohirahira ngo yitoze ikiringo ca gatatu azoba ashaka gushira uburundi mumudurumbanyo nkuwo tumazemwo imyaka ataharwa twari twzeye ko turi muguhunguka iriko ubuhungiro tuzabukomeza.ariko tuzabukomeza gushika ryari?

  • Nimureke Murabe Gato Nubusanzwe Uruja Kwica Imbwa Rurabanza Rukayiziba Amazuru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.