Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kudandaza ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura ntibigiye kworohera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Kudandaza ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura ntibigiye kworohera (...)

Kudandaza ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura ntibigiye kworohera Reta

jeudi 26 Ruhuhuma 2015

Abasanzwe badandariza hafi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, bararahira bakarengwa ko batageza kwemera ko ico kibanza Reta igiha ihirahamwe ry’abashinwa imyaka 50.

Abo banyagihugu bavuga ko hamwe ishirahamwe Sino African Trading and InvestmentInitiatives Co Limited ryohabwa kwubaka ico kibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura kugira bakiranguriremwo imigambi yabo imyaka yose 50, batazogenda bavyemeye. Basaba Reta y’Uburundi kwibuka amagorwa abanyagihugu bagowe na cane cane ababuriye ivyabo mw’iyo soko igihe yasha igatokombera, bibuke ubukene barimwo buzura inzara, aho bamwe bahevye bakaduga kubera kubura iyo bava n’iyo baja .

Abo banyagihugu basaba kandi igihugu c’Ubushinwa guhanura iryo shirahamwe Sino African Trading and InvestmentInitiatives Co Limited kugira ntiryonone amafaranga yaryo, kuko bavuga ko batageza kuva imbere y’isoko baburiyemwo utwabo, kandi ko iryo shirahamwe ritazobubakana muri ico kibanza. Eka n’abasanzwe bagendesha imiduga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura bakorera imbere y’iyo soko, bavuga ko batazi aho bazoshirwa, mu gihe bivugwa ko iryo shirahamwe ritanguye kwubaka abakorera hafi y’iyo soko bose bazoca bimurwa.

Bamwe mu bahaye ikiganiro ikinyamakuru IGIHE, bamenyesha ko bababazwa na bamwe mu bategetsi b’abarundi, aho bavuga ko hari bimwe bariko barakora mw’iyi minsi vyerekana ko bariko baradandaza igihugu. Akarorero twahawe n’umwe mu badandaza ivyamwa, akavuga ko hamwe ishirahamwe Sino African Trading and InvestmentInitiatives Co Limited ryohabwa gukorera aho hahoze isoko nkuru ya Bujumbura, ataho bizoba bitaniye n’ubukoroni, abarundi basanzwe baravuyemwo, inyuma y’ukwikukira.

Tukabamenyesha amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike yahawe umubonano n’uwuserukira Ubushinwa mu Burundi, bakaba bariko baravugana ibijanye n’iryo shirahamwe rigomba kugura aho hahoze isoko nkuru ya Bujumbura, imyaka 50. Abo bari muri ayo mashirahamwe bakaba bamenyesha ko uwuserukira ico gihugu mu Burundi yabemereye ko hagiye kuba amatohoza kugira hakurikizwe amategeko mu buguzi bw’iryo shirahamwe hamwe na Reta y’Uburundi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.