Accueil > Amakuru > umutekano > Ahari ivyuma bitanga amajwi kuri RTNB hatewe amagerenade
Ahari ivyuma bitanga amajwi kuri RTNB hatewe amagerenade
dimanche 22 Munyonyo 2015, par
Mu gihe abanyagihugu bo muri Asiatique bumvise ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana urwamo rw’ibisasu bikomeye vyatewe mu micungararo y’ahari ivyuma bitanga amajwi ku nsamirizi n’imboneshakure vy’igihugu (Antenne émetteur ), mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko ari amagerenade yatewe, ivyononekaye bikaba bitaramenyekana.
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko abantu bataramenyekana bateye ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana amagerenade ane hafi y’ivyuma bitanga amajwi vy’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu (RTNB), muri karitiye Asiatique.
- Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko namba hoba hari ico ayo magerenade yononye canke hari abahasize ubuzima bitaramenyekana.
Kuva ivyo bisasu vyumvikanye, abaporisi n’abasirikare benshi baciye binjira ku bwinshi aho muri karitiye Asiatique.
IGIHE
Messages
22 Munyonyo 2015, 20:25, par John Berch
Yemwe! Komeza Masengesho Musengere Burundi, Mana Tabare Kigihugu Cacu, Inyishu Yavyose Nuguheberanira Kubiganiro
22 Munyonyo 2015, 20:49, par Kavumbagu Nyarugusu
Pita Wansekurekura Ukirimwiza Uzorekura Urimubi Kandi Cndd Fdd Izocika Ubunywenywe Hamwe Itazokwibukwa Ukundi
22 Munyonyo 2015, 21:23, par T Petros
Mana Ikigezwe Nukumparira Nkazabona Uburundi Bwawe.Umwe Wese Yisuzume Kuko Bifise Intumbero Yimana Ataruko Imana Iraturandura Ntakibuza
22 Munyonyo 2015, 22:04
Nimubahigishe urushinge abo badalayi ba Cnared ba shaka gusubira bene gihugu mwihumbi Kandi igihugu cari gite Kanye
23 Munyonyo 2015, 03:18, par MUSUNIKE
Mon Col.ivyo bihimbiri biriko bikoreshwa nkimburabwenge uti cou-et ntigikunda abantu benshi duhagarariye igihugu kandi bo kukigwanira turiho sibimwe vyo kumugambwe umwe wamengo nikareso bakuranya nuhaze ibijumbu ngo ngiye gusimbira kuntebe nabo bapfuye ataco bamariye rutovu yabo.nibareke guhendwa nivyo bitama biriko biraturatura nimvi kumutwe ngo tabagura igihugu mwumva bafise ubwenge?barabashukaaaaaaaa.
23 Munyonyo 2015, 03:47, par Musaga 2AV
Abarundi turahendwa uwo politique inaniye abicisha kuri twebwe ibijuju bakaduha ibigwanisho turondera inyungu zimyobo yabo nayinda niyuwizewe numwenegihugu.mwisuka kuri police mufis ubwenge bwukwiyumvira?uti mpfuye nzira inyega yuwundi mugabo umuryango uzongo wanje uzorabwa nande?ibaze nibazeeeee.
23 Munyonyo 2015, 04:07, par Mupera
Mutama barira izo mburabwenge uti ayo magrde ntawashikana kuntebe mwikigihe amase yakera ntagihoma urutaro uyitera nabi ikaguhitana.kera majr yamanuka kwiradio ngo nije mfis igihugu bihe insomo aba Generaux bananiwe uko bangana nibareke kubagira intemere(ikivumvu)mwisuka kwicumu ry’abajejwe umutekano.
23 Munyonyo 2015, 05:20, par BIZOHINDUKA
GUTERA RTNB?PAS POSSIALE!NONE KO MUVUGA KO MUFISE UBUHINGA BWANONE BWOGUSAKA IBIRWANISHO NONE IVYO BIGUMA VYICA NIBIKI?TUREKE GUHENDANA ABO BATUTSI BABAYE IVYIHEBE NIMUGANIRE NTAWUNDI MUTI.MURIBUKA93 TUKIJA MWISHAMBA NTANIGUVYU TWARI DUFISE NKIZO BAFISE ARIKO MWARABONYE INGENE VYAGENZE.NKURUNZIZA IMERA KO WAHEMUKIYE IGIHUGU USABE IKIGONGWE ABARUNDI NABAGUHANUYE UKIGIRA IGIHARAGE CIKIGUGU
23 Munyonyo 2015, 05:56, par MUNUKO
NGO RTNB YATEWE?PAS POSSIBLE!!NKURUNZIZA WEWE UFISE ABAHANUZI CANKE ABAGENZI BABI(PASCAL,BANYAMITWE...)KUKO KWITOZA KWAWE WIHAYE MANDAT BIRIKO BIRAZANA IMPFU NYISHI WIGIRA NGO URASENGA.MBE USENGA IYIHE MANA?AYAMARASO AZOGUHUMIRE
23 Munyonyo 2015, 06:44, par amani
ubwo ni ubujuju ntangere, none craned niyoshika abanyagihugu ntibazoyumviriza kuri rtnb? canke bamaze kubonako gukura leta bidashoboka bariko barangiza gusa.
23 Munyonyo 2015, 06:57, par Nduwamana Jandodiye
jewe nibazako abajejwe umutekano batorya umukondorazasi murumvako duhazwe
23 Munyonyo 2015, 08:53, par Gahutu%
Barabe Neza Ahontihoba ARimuribo Biciyimirwi Hasigaye Kwiyerekanagusa Bacungane
23 Munyonyo 2015, 10:04, par joseph desire
burya akataraza kari munyuma abarushe ni benshi hari hakwiye ibiganiro vyukuri hagati y abanyapolitike inryane zihere twinjire mw iterambere mbona ubukene buturembeje bavuga ngo bariko barakora uravye imiryango irakenye .
23 Munyonyo 2015, 10:34, par Serupyipyinyurimpyisi
I Burundi Boko Haramu yitwa Sindumuja niyo itera ibyo bisasu.
24 Munyonyo 2015, 01:00, par Icikunze Dondollar
ivyiburundi bisigay bikaz