Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
AIDBU isaba amatora atekanye kandi ari mu muco - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > AIDBU isaba amatora atekanye kandi ari mu muco

AIDBU isaba amatora atekanye kandi ari mu muco

samedi 4 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Ishirahamwe AIDBU rihurikiyemwo abarundi baba mu mahanga risaba abo bose begwa n’ikibazo c’amatora mu Burundi, gukora ibishoboka vyose mu gushira imbere amahoro, umutekano n’iterambere, muri kino gihe hari impari nyinshi.

Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye ryateweko igikumu n’umukuru w’iryo shirahamwe Sonia Ntibazonkiza, bavuga ko ibijanye n’impari ziguma zivugwa ku vyerekeye ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, bisa n’ivyakumiriye canke vyanyegeje ibiganiro bijanye n’ibibazo bihanze ubuzima bw’igihugu muri kino gihe.

Kubw’iryo shirahamwe, ubudasa bw’ivyiyumviro bihari muri kino gihe ntawe vyari bikwiye gushavuza canke guhagarika umutima, canke kurondera gukamisha icuka kiba kihari, canke naho kwipfuza guhungabanya umutekano, ahubwo kubw’ishirahamwe AIDBU (Action Internationale de la Diaspora Burundaise), vyerekana ko abarundi bashikiriye intwaro rusangi.

Ku bijanye n’ibwirizwa shingiro, muri AIDBU bavuga ko hari hakwiye kubaho ibiganiro, no guhanahana ivyiyumviro canke bakitura inzego zibifitiye ubushobozi.
Muri iryo shirahamwe bavuga ko batipfuza agasotorano, canke ubundi bugizi bwa nabi, canke abo bose bipfuza kugarukana urwanko rifatiye ku moko, canke intambara. Bavuga kandi ko bakurikiranira hagufi ico cose kiza gitsimbataza amahoro Uburundi bwaronse bigoranye.

Muri AIDBU bamenyesha ko batazokwihanganira gushengeza uwo wese yokwipfuza gusubiza igihugu mu ntambara, ari naco gituma bavuga ko bakurikirana hafi umugambi w’amatora yimirije mu Burundi. "Twifuza ko aba amatora meza atunganijwe mu mahoro no mu muco."

Mw’ishirahamwe AIDBU (Action Internationale de la Diaspora Burundaise) basaba abo bose begwa n’ikibazo c’amatora mu Burundi, umwe wese yerekane uruhara rwiwe mu gushira imbere ivyiyumviro bishira imbere amahoro, umutekano n’iterambere.
Babandanya bavuga ko kuva Uburundi bwinjiye mu ntwaro rusangi ata yindi nzira yo gushikira ubutegetsi ihari atari inzira y’amatora.

Muri AIDBU barangiza itangazo ryabo basaba abanywanyi b’iryo shirahamwe kwama bunze ubumwe budasanzwe muri kino gihe Uburundi bwimirije amatora, basaba n’abandi barundi bose kubandanya bunze ubumwe, hamwe no gufashanya, bakagwaniriza hamwe umwansi wabo, asanzwe ari inzara n’ubujuju.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.