Accueil > Poritike > Imigambwe > Aime Magera ahamagarira abarundi bose kwitaba imyiyerekano
Aime Magera ahamagarira abarundi bose kwitaba imyiyerekano
lundi 4 Rusama 2015
Aime Magera,umuvugizi wa FNL yigenga irongowe na Agathon Rwasa , ahamagarira abarundi bose kwitaba imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringoca Gatatu c’umukuru w’igihugu.
Mw’itangazo yacishije kuri Radiyo Bonesha FM.Aime Magera yavuze ko ikibazo co kwubahiriza ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha ari ikibazo kiraba umurundi wese,kandi ari mu bwoko bwose.
Aime Magera asaba abanyagihugu bose kuja mw’ibarabara biyamirize ico kiringo kuko hamwe amasezera ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro bihonyanzwe ,bishobora gutuma igihugu gisubira mu magume.
Aime Magera asaba abaza mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu kuza bongereje inguvu,kuko ari urugamba rusubiza iteka igihugu n’abakibamwo.
Mwomenya ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 rusama ubaye umunsi w’indwi w’imyiyerekano inyuma y’iminsi ibiri y’akaruhuko.
Van Naris
Messages
4 Rusama 2015, 10:41, par RUFUKU DJUMA
Nyakwubahwa uvugira fnl ya agathon,mutugire imbere kurako kamo muduteye.nti bibe kukarimbi ngo muturungik badupompe amazi n’ivyuka.mbere ivyo idee niyo.
4 Rusama 2015, 20:18, par hatungimana boniface
nukuri nimba akunda abanya gihugu na bise abandi muri CNDD FDDicabwenge zirahari murakoze
5 Rusama 2015, 09:59, par Sylv
None kowewe utaza?
8 Rusama 2015, 20:18, par Eppipode.
Umuvugizi wa efeneri ashakagusubiza uburundi muntambara nivyoyamenyereye
8 Rusama 2015, 20:21, par Eppipode.
Umuvugizi wa efeneri ashakagusubiza uburundi muntambara nivyoyamenyereye
9 Rusama 2015, 03:32, par BURURI
IYO ROFA AIME,MBE WIBAZA KW’ABARUNDI BOSE BANKA PETER ?URIKIJUJU HAMAGARA NYOKO NASO UTIBAGIYE UMUGORE WAW, N’ABANA BAW.EMBENSIRE