Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akabirya ku bacuraranzi b’abarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Akabirya ku bacuraranzi b’abarundi

Akabirya ku bacuraranzi b’abarundi

jeudi 31 Nzero 2013

Iyo umaze kumenyekana ntuba ufise ubushobozi bwo gukora ico arico cose gishobora gutuma wicuza.Umuntu yamaze kumenyekana ntamenya abamwumviriza iyo ariko aravuga.Ategerezwa rero kwiyubara iyo ariko arashikiriza ivyiyumviro mu bimenyeshamakuru canke ahantu haba hari abantu benshi.Iciyongereye k’ukuryoherwa,bamwe bamwe barashikiriza ibintu bitwenza mu kibano.Ng’ibi bimwe bimwe ivyo bashikirije n’uko tubisanga muri akeza.net

JPEG - 7.4 ko

«Ntivyama vyoroshe.Ndibuka ko hari igihe ndiko ndagirisha igiteramo abacitavye bararyoherwa bishimishije.Ariko igiteramo giheze abafise amafaranga ntibubahiriza amasezerano.Ntavyiteguriye naza mbona bambwiye ngo nzogaruke bukeye kugira nakire ivyo banyemereye.Aho bukeye rero havyara bukeye kandi ni kuvuga hirya y’ejo.Ico gihe nari nfise umwana w’umuhungu n’ibindi vyanfatira ariko naragerageje kwigumya.» Big Fizzo,umuririmvyi.

JPEG - 7.1 ko

«Mbega mwari mubizi ? Jewe sinkunda kuvuga ibijanye n’umukenyezi wanje mu bimenyeshamakuru,kuko abantu baca bamvugira ivyo ntavuze.Ico gusa nshobora kuvuga ni uko ndamukunda.»SAT B,umuririmvyi.

JPEG - 12 ko

«Ndatangazwa cane n’abashikiriza ibiganiro ku maradiyo avugira i Bujumbura biyumvira ko bariko barateza imbere umuziki wacu.Ntibavuza indirimbo zanje nshasha.Bica bintera kwiyumira igihe indirimbo zanje zitavuzwa ku nsamirizi y’igihugu yonyene yari ihari muri ico gihe,ariko mu gihugu c’u Rwanda barazivuza,ino twazumva tuvugije insamirizi y’u Rwanda».Bahaga Prosper,umuririmvyi.

«Ndatwenga cane iyo nciye ahantu nkumva abantu bampamagara izina nakoresheje ndiko ndakina mu mareresi atandukanye.»Lynda Brown,umukinyi w’amareresi.

JPEG - 14.5 ko

«Yooo ! Birateye ubwoba guhurira ahantu mutavyiteguriye nko ku zuba ryinshi.Ni uko ata mafaranga nagendanye.Twari kuja kwizimya akanyota.»Francine Niyonsaba,umunonotsi

JPEG - 7.4 ko

Ndiko ndahimbaza imyaka 21 iheze mvutse,ndabishimira Imana.Imana irankunda kandi yarabinyeretse gushika uno munsi.Ndababaye cane kubera isoko yahiye.Ni ibintu bibabaje ku gihugu cacu kuko bizokora k’ubutunzi busanzwe butifashe neza.Nifatanije n’abadandaza n’imiryango yahora ironka ico ifungura kubera isoko.Kuvyo ukuri ndi kumwe namwe kandi Imana ni nkuru.Imana ibahe inguvu zo kuvyifatamwo kandi ibahezagire.Samantha Nzeyimana,umuririmvyi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.