Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akajagari mw’ishengero Burundi assemblies of God fellowship - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Akajagari mw’ishengero Burundi assemblies of God fellowship

Akajagari mw’ishengero Burundi assemblies of God fellowship

vendredi 30 Rusama 2014

Inyuma y’aho hadukiye akajagari mw’ishengero Burundi assemblies of God fellowship, umuti w’ico kibazo woba uriko uratorerwa mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Nk’uko bimenyeshwa na Libert Ngarutse umuvugizi w’umurwi wa Pastori Nyandwi Jerome, avuga ko adatahura ingene umurwi wa Gasupari Nyambere wobandanya wigisha imigumuko n’ukudadaza mu rushengero rw’Imana, aho kurindira ingingo zizova mu biro vy’umukuru w’igihugu kuri ico kibazo. Agasaba abategetsi n’abandi bose kudasamazwa n’ingendo ya Nyambere Gasupari.

Tukaba twobamenyesha ko mw’ishengero Burundi assemblies of God fellowship hamaze imins hari akajagari, aho abakirisu bo muri iryo shengero, baranira mw’ishengero bapfa uburongozi bwa bamwe mu bapasitori.


Aristide Nizigire

Messages

  • Si NYANDWI Jerome, ni NDAYISABA Jerome.
    Merci de la correction

  • none vyukuri barapfa iki ko uburongozi butangwa nimana haraho bigeze gusoma itumwa zirwana kubera uburongozi noneho bari bakwiye kumera nkabungere abungere nabo uwubahemba ni nyenintama ariko bobo bahembwa nizo ntama ntaco norenzako ariko uko sugukorera IMANA bakorera inyungu zabo. IMANA ibababarire

  • Ivyo Vyose bituruka ko abantu baja mu gikorwa batahamagawe na nyene co bamwe barihamagaye kuko bagize itama ry’inyungu zabo, icubahiro n’ibindi. icompa bagasoma muri Ezekiyeli 34 bakabona ico Imana Yipfuza Ku Ntama Zayo. Icompa bagahinduka. kuko bahindutse bazogumbira umusaraba bihana bisange bawuhuriyeko bagumbiranye bakundanye.

  • nukuri ncambonako abarimbere yabandi,beshibakwiyekwigishwa,kuko abitwakobaturimbere mumadini badukorera ibidahuyenumuhamagaro,bazabatubwira.nagombandabasabe,biyunge boyegushirimanza zivyimana mubatabizi ukwonugutukishigikorwacimana. imanibafashe.

  • Nivyo hari haheze igihe kitari gito hari ibibazo bidasnzwe mw’ishengero BURUNDI ASSAMBLIES OF GOD FELLOWSHIPvyari vyaturutse kuwahoze aserukira iryo shengero imbere y’amategeko mu burundi NYAMBERE Gaspard,nkuko rero twari twarabibabwiye haraheze imyak ibiri ko ico kibazo cari kirimu minwe ya sa brundi Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi,nawe amaze kubicahirya nino kandi hamwe no kurongrwa n’Imana yaraye atanze inyishu yiwe.
    abicishije k’umushikiranganji wintwaro yo hagati mu gihugu,aho murukukwagatanu amatora adakumira yabaye maze abakozi bimana baritorera indongozi bifuza ko zibarongora kandi bikaba vyagenze neza cane,tukaba rero dushimira:
    1.Imana yo yabanye natwe mubihe bidasanzwe twarimwo,ikaturwanirira naho hariho bene data bapfunzwe,abandibarangazwa kuko bataribashigikiye uyo yariserukira imbere y’amategeko.
    2.umukuru w’Igihugu c’uburundi we yakoze ukoashoboye kwose,akita k’urutare kugirango ishengero ry’Imana ribe amahoro,Imana imuhezgire we n’umuryango wiwe wose,kandi kubwo igikorw nkico yakoze Imana imuhe amahoro yo mu mutima maze abarundi babe amahoro ku bwiwe nkuko ari se barundi.
    3abantu bise bagize umutima w’urukundo,bagashigikira igikorw c’Imana bakadusengera mbere,bakanakoresha uburyobwabo ni myanya yabo mukuduha imbono yuko ibintu twovyitwaramwo nkabakozi b’Imana.
    Sinoreka gushimira nababose babonetse ko bshigikiye Nyambere kuko vyaduhaye kumenya abakozi b’Imana bashobora kwizigirwa murugendo rwo kuja mw’ijuru kandi vyadufashije kugira umwete n’ingoga vyogusenga cane
    Mu kurangiza twagomba tubamenyeshe ko vubamugiye kuzotumirwa mu gikorane kidasnzwe co kuzoshimira Imana kuntsinzi yayo yashikanye kw’ishengero ryayo mu ntumbero yo gushirahejuru izina ryayo,Imana data wa twese ibahezagire
    Murakoze.

  • Haruwo Mwabonye Yirukana Se Mwitongo Ngo Agende Burundu ?Korane Na Satani Wanyu Muza Murahenda Abantu Ngo Murabimana,twebwe Abakirisu Twaramaze Kubahinyura.Mbe Ko Muvuga Ngo Mwarapfunzwe?Mbe Umushikiranganji Eduard Nduwimana Agirishije Amatora Urunani Rwamasengero Rukoranye Intumwa Za Reta Zihari Intumwa Zubushikiranganji Zihari Pasikari Barandagiye Arafise Ububasha Bwo Kubihindura Imyaka 5 Itarahera Ngo Habe Ayandi Matora?Reka Rero Guhenda Abantu Ngo Murabimana Mbe Ibisikanywa Ryarabaye?Ryarabaye Ryari?Muragowe Muzosha Ubwo Bubeshi Tuzi Bubuzuyemwo.Ariko Imana Irababona Tu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.