Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Yaciriwe urubanza yagirizwa gushurashuza impene
Yaciriwe urubanza yagirizwa gushurashuza impene
mercredi 4 Kigarama 2013
Ubutungane bwo gihugu ca Kenya buhejeje gukatira umunyororo w’imyaka 10, umugabo yagirizwa gushurashuza impene yiwe.
Nk’uko imboneshakure yo muri ico gihugu ibitangaza, umugabo yitwa Katana Kitsao ava mu gihugu ca Kenya ahejeje gukatirwa umunyororo w’imyaka 10, yagirizwa akaja ko gushurashuza impene yiwe. Icari gitangaje muri urwo rubanza, n’uko n’iyo mpene bari bayizanye nkaho womenga ije kumwagiriza.
Iyo mboneshakure iremanga ko Katana Kitsao yemeye imbere y’ubucamanza ko yashurashuje iyo mpene, ivyo vyabaje cane abari baje kwumviriza urwo rubanza, eka n’abacamanza. Uwo mugabo yamenye ibanga, yasavye imbabazi ubutungane, yigovyora avuga ko yabigira kubera umugore wiwe bari kugirana amabanga mpuzabitsina agendana ubumuga.
Ubutungane bwari burongowe na Mathiu Nzibe, ivyo ntibwavyakiriye nk’insiguro zihagije, zotuma adahabwa igihano kimukwiye. Hari haje n’uwumwagiriza ko yamwifatiye imbona nkubone ariko ashurashuza iyo mpene, ahantu hiherereye.
N’uko rero guca acirirwa umunyororo w’imyaka 10, yagirizwa kuba yabiriye impene kandi ari ikizira. Imboneshakure yo muri ico gihugu yemeza ko n’iyo mpene yari yahishikiye naho itamwagirije.
Ivyabaye kuri Katana si ivy’imbeshere kuko n’abaganga bajejwe amagara y’ibitungwa baremeza ko iyo mpene yakorewe ayo mabi. Nk’uko tubandanya tubimeshwa, ribaye irya mbere ubutungane bwo muri Kenya buca imanza nk’izo.
Cherif Nkeshimana
Messages
4 Kigarama 2013, 12:02, par Emery
uwomuntu akwiye guphurwa uwoguherayo kuko yaramenje ivyo ntahovyakabonetse
4 Kigarama 2013, 12:05, par J.Pierre
Mubyukuri Namahano Akomeye Cyane Ninogutukisha Abagabo Umuntu Muzima Yifuza Kuryamana N,ihene Nibamuhane Yakoze Amarorerwa
4 Kigarama 2013, 12:46, par Rita NAHIMANA
Ahubwo nibamuvuze jewe nibaza ko agwaye ntakindi.
4 Kigarama 2013, 23:21, par stani
none impene haraho yitwaye?mbe yoba agwaye mumutwe naho?
4 Ruheshi 2015, 17:44, par Samuel.Gitega
haha uyomuntu ararenvye bamunyarukane kwamuganga yigiye ivyabagwayi bomumutwe ntibamufunge aragwaye bazobabakoze
19 Gitugutu 2015, 20:00, par Vincent de Paul Gtega
Nawene Hamubbiyek Siwe Karubwa 1 Izomanza Zicibw Nibmurek Muga Ntaz Asubre Arik Mumwibuts Kari Ibwirizw Rya 6