IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Akamaro k’icayi c’urwatsi rubisi (Thé vert) ku magara y’abantu

Akamaro k’icayi c’urwatsi rubisi (Thé vert) ku magara y’abantu

dimanche 15 Kigarama 2013

Icayi c’urwatsi rubisi, kiri muvyagizweko amatohoza atari make ku magara y’abantu. Abashakashatsi batari bake bakemeza ko kiri mu binyobwa bifise akamaro kanini kw’isi, kandi kidatera amakenga ku magara y’abantu.

Icayi c’urwatsi rubisi gifise murico akanovera ngirakamaro ku magara y’abantu

Gifise ivyunyunyu nka polyphenols, flavonoide na catechine. Ni ivyinyunyu bikingira umubiri, bikawurinda gusaza ningonga.

Kiri mu bituma ubwonko bukora neza, kikanatuma n’umuntu akerebuka

Ni icayi gituma umubiri ugumana inguvu zo gukora, gituma umuntu aba incambwenge gusumba. Kiratandukanye n’ikawa kuko yoyo ifise ubumara bwinshi bushobora kuduza birenze itera ry’umutima. Icayi kandi gifise ivyunyunyu vya acide amine bigabanya ibigumbagumba vy’umubabaro.

Kiri mu bituma ibinure vyo mu mubiri biyonga, umubiri ukagira inguvu

Ivyirwa vyakozwe ku cayi, vyerekana ko ic’urwatsi rutoto (the vert) gifise ubushobozi bwinshi mukuyongesha ibinure vyo mu mubiri, umubiri ugakomera, mbere n’imirindi y’amaraso igakora ata ngorane.

Icayi kiragabanya ibakwe yo kurwara indwara ya kanseri

Ingaburo dusanga mw’icayi c’urwatsi rutoto ziri mu bituma ibakwe ryo gushobora kurwara indwara ya kanseri yo mu mabere, yo mu mara canke yo mu dutsi dukorana n’ibihimba vy’irondoka (prostate, col uterin) rigabanuka. Nubwo ico cayi ari ciza, abantu bogaba, bakirinda kuza barakivanga n’amata kuko gishobora kugabanya ingaburo zari muri ico mu gukingira umubiri.

Icayi "The Vert" kigabanya ibakwe ryo gufatwa n’indwara yo kwibagira

Mu vyavuye mu matohoza yakozwe mu buryo butandukanye haba no ku bikoko, ingaburo catechine na polyphenols dusanga mu cayi (the vert) zifise ubushobozi bwo gukingira idutsi two mu bwonko, bukaguma bukorana inkomezi, mbere n’amahirwe yo kwibagira akagabanuka.

Icayi c’urwatsi rubisi gifise ingaruka nziza ku menyo

Ingaburo catechine dusanga muri ico cayi zishobora kurinda imigera itera indwara z’ibicurane, hamwe n’imigera ituma amanyo abora bigaca bituma umuntu agira n’akamoto kabi mu kanwa.

Kifasha mu kurinda indwara y’igisukari yo mu murwi wa 2 (Type2)

Aho mwokibuka ko indwara y’igisukari ihitana abantu bagera ku miriyoni 300 kw’isi. Icayi c’urwatsi rubisi kikaba gifise ubushobozi bwo kugabanya isukari mu maraso, kikanaduza n’urwagasha, ivyo bigaca bituma indwara y’igisukari ishobora kugabanuka gushika ku bice 18 kw’ijana.

Ico cayi kiragabanya kandi indwara zo mu mutima

Abashakashatsi banonosoye indwara z’umutima, baremeza ko icayi c’urwatsi rubisi gishobora kugabanya ibinure( cholesterol) gushika ku bice 31 kw’ijana. Mu gihe indwara z’umutima ziterwa ahanini n’ibinure vyinshi biba biri mu muburi kandi ko ziri mu ndwara za mbere zihitaha abatari bake kw’isi.

Kirafasha mu kugabanya ibiro

Icayi rw’urwatsi rubisi gituma umubiri ukora neza (Metabolisme), kigabanya ibinure birenze mu mubiri, ibiro , mbere no mu nda hakagabanuka. Ivyo bikemezwa n’ababigize kw’amatohoza.

Kiri mu bituma abantu bashobora kuramba

Mu gihe twabonye ko ico cayi kirinda indwara zitari nke zikunze kubangamira umubiri, kubakinywa kenshi, ni ivyerekana ko n’amagara y’umuntu aguma anonotse, ivyo navyo bikamuha kuramba. Ku matohoza yakozwe ku bantu bagera kuri 40 bo mu gihugu c’ubuyapani, vyagaragaye ko abanywa udukombe (Tasse) dutanu canke turenga ku munsi, bafise amahirwe yo kudapfa giturumbuka gushika ku myaka 11.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.