Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Akamaro k’ubuki ku magara y’abantu
Akamaro k’ubuki ku magara y’abantu
lundi 17 Ruheshi 2013
Ubuki si ugusosa gusa canke uburyohe bwabwo, ariko burafise akamaro kanini mu mubiri cane cane ubuki budahinguye, bw’ikirundi. Bushobora gukoreshwa muri vyinshi
Ng’ibi bimwe bimwe :
1. Burakoreshwa mu cayi mu kibanza c’isukari kubera bwifitiye isukari kandi isukari yabwo nta ngaruka ku magara y’umuntu.
2. Buratezurira umuntu arwaye ibicurane canke inkorora kubera bufise ibintu vyitwa mu gifaransa « Antioxydants », bibuza imigera yizo ngwara kwongerekana.
3. Buratezura ingwara zo mu muhogo zifatanye n’ibicurana n’inkorora kubera burabombeka mu mihogo ariko si bwiza ku bana batarakwiza umwaka. Burashobora kubatera ingwara yitwa « botulisme infantile »
3. Buragabanya inzoga mu gitigu. Iyo umuntu yaraye anyoye inzoga nyinshi, gufungura ubuki mu gatondo ni vyiza kubera buragabanya inzoga mu mubiri.
4. Uwufise ingorane y’itiro nawe buramufasha, bikunze ko ugira uje kuryama ufata ikirahuri c’amata gicanze n’ubuki buke imbere yo kuryama, bituma umubiri ugira ubushuhe bukwiye.
5. Buratanga inguvu mu mubiri na cane cane abakunda kwumva ata nguvu barashobora gufata ubuki mu kibanza co gufata ibintu birimwo isukari ihinguye.
6. Burafasha kurwanya ibisebuzi iyo umuntu yahiye canke yakomeretse. Kera kwa muganga bahora bakoresha ubuki ku bushe butari ubwa cane. Uhiye rero ntuze utinye gushirako ubuki mu gihande cahiye.
7. Buratuma umubiri n’imishatsi biremba, ubuki iyo ubucanze n’amavuta bitanga isabune y’umushatsi ariyo shampoo. Mu maso naho, uwubwisize akamara umwanya muto buratanga umubiri uremvye.
Dorine Irambona
Messages
3 Ruheshi 2015, 10:38, par byamungu
nkeney’ubusobanuro kukamaro kubuki ku bwonko
31 Mukakaro 2015, 09:43, par BAYIZERE AUGUSTIN
NONE IYO SABUNE IKORWA GUTE MUKUVANGA AMAVUTA HAMWE N’UBUKI MWODUSIGURIRA NEZA MBE HOHO UBUKI BUFASHA GUTE MURI CERVEAU INYISHU MURAKOZE(TURANEZEZWA CANE NINKURU ZANYU)
13 Myandagaro 2016, 06:44, par Wilson Smith
Non Twokoresha Nkubungana Gut??
Kubasanzwe Bagira Sport Z’ugutarika Ibyuma Twobufata Gut?
6 Munyonyo 2016, 12:57, par Tumaini Espoir
Butuma abana bibika amasomo nandetse n’ubwenge barabugira
21 Kigarama 2016, 05:46, par Ibrahim
Akamaroturakumvise None Kohari Nabandi Bavuga Ko Buvura Ubuki Umushishito Navyo Bimeze Gute?
6 Ruhuhuma 2017, 08:17, par Nsabimana Venuste
Hari Abavugako Butuma Umuntu Atibagira Nivyo?
12 Ntwarante 2017, 17:39, par Niyomwungere Vital
Ndaryoherwa Cane Ninkuru Zanyu.Ariko Gerageza Kuzitanga Zi Détaillés Kuko Haraho Tubonainkuru Tugasigara Turibaza Vyinshi.Murakoze
21 Myandagaro 2017, 22:24, par Mutoni Yves
NN KUMASO NTACO BUFASHA?
6 Ndamukiza 2018, 11:01, par Didier Nzeyimana
Kuma Fyigo Ho Gute?
11 Munyonyo 2018, 06:58, par Mpawenimana mediateur
Andika
hano
Kwigunga ningwarambicane yumutima kandi numudayimoni winzigo akomeye igihe uteweniyo mpwemu wotabaza abasenzi