Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaro ko gutwenga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Akamaro ko gutwenga

Akamaro ko gutwenga

lundi 1er Ndamukiza 2013

Abashakashatsi benshi barakoze ivyigwa ku kugene gutwenga bishobora kugira ingaruka mu mubiri w’umuntu. Niho baca begera ababinonosoye mu kugerageza gutanga inyishu y’akamaro ko gutwenga.

JPEG - 12.7 ko

Ku bijanye n’uko intwengo ifise ingaruka mu buzima bw’umuntu, abo bashakashatsi bigiye ku migwi ibiri itandukanye.Umugwi wa mbere wari ujanye n’igituma umuntu atwenga bakoresheje ireresi itwenza canke inkuru zitwenza ; umugwi wa kabiri nawo wari ujanye n’igituma umuntu adatwenga bakoresheje ireresi imeze nk’ikiganiro ivyo bita “documentaire”mu gifaransa. Niho baca babona itandukaniro riri hagati y’iyo migwi, bica bibereka n’akamaro ko gutwenga.

Gutwenga rero,bifise ivyiza vyinshi:

1.Gutwenga bituma umuntu anonoka imitsi

Nk’uko muganga Henri Rubinstein abivuga, gutwenga bituma ibihimba vy’umubiri vyose binonoka kandi bikagira ingaruka imwe nk’iyo umuntu yinononye imitsi akoresheje ikarashishi.

2.Gutwenga ni ubuhinga muguhema

Gutwenga bifise ingaruka nyinshi mu guhema. Iyo umuntu atwenze, asohora impwemu mbi zose zari mu gikiriza maze bigaca bituma yongererza amahirwe menshi yo kwinjiza impwemu nziza ,ivyo navyo bikaba ari ivya nkenerwa cane mu mubiri w’umuntu. Gutwenga bituma ivyo yafunguye bihoka n’ingoga neza, biroza kandi amahaha n’ igitangaje kuri ico, gutwenga birashobora gutuma n’ingwara ya hasima igenda. Kubwa muganga Tall Schaller, iyo umuntu yagize ingorane zo guhema, gutwenga birashobora kuzana akarusho.

3.Gutwenga ni umuti ukomeye

Nk’akarorero,iyo umwana aguye hasi akababara, ikintu umuntu akora kimuhoza, ni ukumutwengera kugira ahore. Iyo umuntu yahuye n’ibimubabaza, vyiza n’ukuraba icomutwenza canke iyo yahuye n’ingorane z’imitsi yafatanye aho yababaye, intwengo irashobora kumutuma ububabare buhera.

4.Gutwenga bifise ingaruka nziza k’umutima

Kubwa muganga Michael Miller wo kuri kaminuza y’I Maryland , iyo umuntu atwenze biratuma umutima wiwe utera neza n’imirindi y’amaraso igatera neza. Ni ikirwanisho kandi gikomeye mu gukingira ingwara z’umutima , kikaba kinakoreshwa cane mu banyamerika aho benshi bakunda kugira ingwara z’umutima bivanye n’ukugira imyitwarariko myinshi.

5.Gutwenga bituma umuntu aramba

Intwengo ituma igabanya ivyo vyose vyotuma umuntu asaza n’ingoga nk’akarorero,kwitwararika cane ivy’ubuzima ivyo bita “stress”, kwama ubabaye,guhagarikwa umutima n’ico arico cose.

JPEG - 49.8 ko

Iyo umuntu atwenze,bigaragaza ko ata ngorane aba afise, abona ko ejo ari heza, bikarushirizaho kumuha ivyizigiro vyo kwama anezerewe igihe cose.Nk’uko vyagaragajwe n’ubushakashatsi bwinshi, gutwenga bitanga amagara meza,bikanatuma umuntu aramba cane ari naco gituma bahanura abantu kwama batwenga na cane cane mu gihe bumvise umubiri utanguye kugabanya inguvu.


Marielle Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.