Accueil > Amagara y’abantu > Akamaro ko kwinonora imitsi ku bakenyezi bibungenze
Akamaro ko kwinonora imitsi ku bakenyezi bibungenze
mardi 10 Kigarama 2013
Kwinonora imitsi biri mu bituma imitsi inonoka mbere n’uduhimba dutwara amaraso mu mubiri tugakora neza ata ntambanyi zihabaye. Abashakashatsi b’i Montreal bakaba baranerekanye ingaruka nziza zivuye ku kwinonora imitsi iminsi yose ku bakenyezi bibungenze.
Mu bushakashatsi bwakorewe ku bitaro vyitiriwe Justine Mweranda no mu gisata c’ubuvuzi co kuri kaminuza y’i Montreal, barerekanye ukungene umukenyezi yibungenze yama yinonora imitsi iminsi yose bituma ubwonko bw’umwana burushirizaho gukora neza. Ivyo navyo bikaba bisaba gusa kwinonora imitsi nka gatatu ku ndwi ku minota 20 ku munsi.
Nk’uko bisigurwa n’abahinga nka Dave Ellemberg, Daniel Curnier na Elise Labonté-LeMoyne batanze icirwa ku ngaruka nziza zivuye ku kwinonora imitsi, iyo umukenyezi yinonoye imitsi iminsi yose, kuko bituma ubwonko bw’umwana ari mu nda bukurana amagara meza.
N’abakirizi mu kuvyaza abakanyezi baremeza ko kwinonora imitsi ku mukenyezi bifasha muri vyinshi, haba kuri we canke ku mwana aba yibungenze. Ku mwana bituma akurana amagara meza, ku muvyeyi naho biramufasha kuvyara bitagoranye na cane cane ko umukenyezi mu kuvyara bimusaba gusohora impwemu nyinshi.
Kubwa Curnier, umwe mu bahinga batanze icirwa ku ngaruka nziza z’ukwinonora imitsi ku bakenyezi bibungenze, mu kwinonora imitsi kw’umukenyezi mu gihe yibungenze, bimumenyereza kwama ahema bitagoranye gushika yibaruke. N’inyuma yo kwibaruka, uwo mukenyezi akira ningonga.
Mwomenya ko ivyigwa bisigura ubwo bushakashatsi bwakozwe ku bakenyezi babiri bafise imbanyi y’amezi atandatu, umwe yibungenze atagira imyenyerezo n’uwundi asanzwe ayigira. LeMoyne ari mubagize ico ciirwa amenyesha ko muri ubwo bushakashatsi, basanze uwo atagira imyimenyerezo agira ingorane zo guhumeka ashikana, mu gihe uwo wundi yama ayigira afise umutima utera neza, mbere n’ubwonko bw’umwana wiwe bugakora nk’uko bisabwa n’amategeko muvy’ubuvuzi.
Mariella Bukuru
Messages
11 Kigarama 2013, 07:14, par NINA
Bwabundi abarundikazi turahiriwe kuko uko kwinonora imitsi tubikora imisi yose.umve namwe,mu gatondo isuka ku rutugu kurima gushika isaha icenda.ku mugoroba udukwi ku mutwe,akabido k’amazi mu ntoke,umwana w’umucuko mu mugongo,ugashikira kurondera ivyo kurya,ubanje kuja gucura intama(inyana),bwaca bikaba uko.Mwumva gute?
14 Ndamukiza 2017, 13:28, par Pla
Kugira Umukenyezi Asame Bigenda Gute?
14 Ndamukiza 2017, 13:29, par Pla
Kugira Umukenyezi Asame Bigenda Gute?