IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Akandi gashimwe kuri Denise Nkurunziza

Akandi gashimwe kuri Denise Nkurunziza

mardi 27 Rusama 2014

Agashimwe kagenewe abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vya Afrika bitanze kurusha abandi mu guharanira agateka k’abakenyezi, katangiwe i Banjul ku murwa mu kuru w’igihugu ca Gambiya, aho n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yarimwo.

Ahejeje kuronswa ako gashimwe, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Denise Nkurunziza, akaba yamenyesheje n’umunezero ntangere ko, ako gashimwe yaronse ari iteka kuri we, ndetse no ku gihugu cose. Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba atibagiye ndetse n’ugushimira umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Gambiya Zineb Yahya Jammeh, kubona WAF (Women Advancement Forum – WAF 2014) yaramwizeye, ikamushira mu bapfasoni baronswa ako gashimwe. Denise Nkurunziza akavuga ko muri iki kinjana ca 21, abashingantahe babwirijwe kumenya ko, abakenyezi bategerezwa kuronswa agateka kabakwiriye, mu gufashanya n’abagabo mu guharanira iterambere ry’ibihugu.

Mwomenya ko, ako gashimwe karonkejwe abapfasoni batandukanye b’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika, harimwo nka Denise Nkurunziza umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Zineb Yahya Jammeh wo muri Gambiya, Marieme Faye Sall wo muri Senegal, Hadidja Aboubacar L. Dhoinine wo mu mazinga ya Comores, Sia Koroma wa Sierra Léone, Olufunso Amosun wo mu gihugu ca Nigéria ndetse akaba ari no mu murwi urongoye WAF 2014, n’abandi banyacubahiro nka muganga Isatou Njie Saidy, icegera c’umukuru w’igihugu wa Gambiya.

Inyuma y’urwo rubanza rwari rwakoranije abapfasoni barenga 1500 bo mu bihugu bitandukanye vy’Afrika, umukuru w’igihugu ca Gambiya, akaba yaciye abakira, aho uwo mubonano wabereye mw’ibanga.


Aristide Nizigire

Messages

  • NYACO NZIYAKOZE AHA IWACU I BURUNDI ..KO ATACO AMARIYE ABAKENYEZI MURI PLADOYER KO ARIHO TURWAYE CANE CANE ,,NAHO KUGABURIRA ABASHONJE NAJE UWOMPA UBURYO NOBIKORA!!!!

  • Turabakeje Mama w’Uburundi kw’iteka aguma atera kino gihugu cacu Imana ibandanye kumuhund imigisha itagabanije!! Hama abavuga barushirize kuvuga ntibabace intege mwebwe mugume mukora ivyiza mutagabanije.

  • Uyumutambukanyi wumukuru wigihugu cacu cu Burundi turamukunda vyimazeyo, kandinawe aradukunda gose. Abakenyezi twese babarundi tukurinyuma turagushigikiye mubikorwavyizavyose ukomeje gukora mugihugu cawe cacu. Nahuwuvuze ngo nawe uwomuha uburyo yobikora, nawe ndagushimiye kandi ndagusengera imana izoshobore kukurosa uburyo maze ukore nkuko uyumuvyeyiwacu umutambukanyi wumukuru wigihugu abikora, Ariko wewenyene wiyise Mukobwanjana haraho wavuze nsanga uriko uracankabiranya, ubwambere wazuzeko atacoyakoze, ahandinaho wemera ko yakoze ngombere nawe uwoguha uburyo wobikora.

  • je ntaco nzi yakoze iyo ni politique nibareke kutubesha!!huuu akora iki?afasha abiwabo gusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.