Accueil > Amakuru > u Burundi > Akanovera k’inyigisho mu mashure yisumbuye kagiye kongerekana
Akanovera k’inyigisho mu mashure yisumbuye kagiye kongerekana
dimanche 3 Ntwarante 2013
Ibiro bikuru bijejwe gutunganya inyigisho mu mashure yisumbuye biherutse gutunganya agatabo n’indinganizo vy’ingene abanyeshure biga kwigisha boronka ubumenyi buhagije. Ivyo biro bivuga ko iyo ndinganizo izotuma abanyeshure basohoka bafise ubumenyi bukwiye bwo guha abanyeshure babo.
Ubushikiranganji bw’inyigisho bumenyesha ko akanovera k’inyigisho kava kuri vyinshi harimwo n’ubumenyi umwigisha afise. Ngo ni muri iyo ntumbero ibiro BEPES bijejwe guhinyanyura inyigisho mu mashure yisumbuye vyatunganije indinganizo n’ibitabo bishasha bigenewe abanyeshure bari mu mashure ategura abigisha.
Jean Marie Ntezukobagira, umuhanuza muri ivyo biro BEPES, avuga ko iyo ndinganizo ifise ibice bitatu nyamukuru.
Ica mbere, n’ukwigisha abarimu bitegurira kwigisha. Ica kabiri n’ukuraba ko ivyo bize bazi kubishira mu ngiro hamwe rero n’ibikwiye guhinduka canke guhinyanyurwa kmu nyigisho zihabwa abanyeshure bitegurira kuja kwigisha kugira akanovera kiyongere mu banyeshure bazoba bariko barigishwa.
Ngo vyarabonetse ko abigisha bagira ingorane mu gutegura ivyigwa baja kwigisha, muburyo batangamwo ubumenyi bafise hamwe n’inyifato yabo imbere y’abanyeshure. Yamenyesheje ko ico gitabo n’iyo ndinganizo bizotuma abigisha badasubira kugira ingorane mu kwigisha. Ikindi cabonetse ngo n’uko amashure yose adatanga ubumenyi co kimwe. Iyo ndinganizo ngo ije nk’umuti kugira abana bose bahabwe ubumenyi cokimwe.
Ku vyerekeye ishure nshingiro rizotangurira mu mwaka wa mbere gushika mu mwaka w’icenda rigiye gutangura mu Burundi, uwo muhanuzi mu biro BEPES yamenyesheje ko hagiye gushirwaho amashure azotegura abarimu bazokwigisha muri ayo mashure nshingiro.
Ikindi yamenyesheje n’uko amashure yahora ategura abarimu bita Lycees Pedagogiques ngo agiye gufytwa kuko azohora abarimu batabishoboye, gutyo ngo hazoca hubakwa amashure 4 mu gihugu cose ajejwe gutegura abarimu baciye ubwenge bihagije.
Pierre Claver Niyonkuru